IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Champions ligue:Urutonde rw’abakinyi batangura mu kibuga mu rukino rwa (...)

Champions ligue:Urutonde rw’abakinyi batangura mu kibuga mu rukino rwa nyuma

samedi 6 Ruheshi 2015

Urukino rwa nyuma rw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya,ruhuza umurwi wa FC Barcelona wo mu gihugu ca Espagne,na Juventus de Turin wo mu Butariyano.

Urwo rukino ruza kubera mu gisagara ca Berlin mu Budagi igihe c’isaha 2 n’iminota 45 ku masaha yo mu Burundi.

Abakinyi batangura mu kibuga ku mpande zose ni aba :
Ku ruhande rwa Juventus ni :Buffon mw’igori; Lichtsteiner, Bonucci, Barzagli, Evra; Marchisio, Pirlo, Pogba; Vidal; Tévez, Morata.

Ku ruhande rwa Barcelona ni :Ter Stegen mw’igori; Alves, Piqué, Mascherano, Alba; Rakitic, Busquets, Iniesta; Messi, Suárez, Neymar.

Kubwa Gigi Buffon asamira umurwi wa Juventus,kuba bashitse mu rukino rwa nyuma ni igitangaza kuko batari bavyiteze,mu gihe bari bafise umumenyereza mushasha,bibaza ko vyobatwaye imyaka ibiri canke itatu kugira bahashike.

Yavuze ko inyuma y’iminota 5 canke 10 ariho baza kubona ishusho y’urukino hamwe n’uwukwiye kurutsinda.

Umurwi wa FC Barcelone washitse mu gice ca nyuma utsinze umurwi Bayern Munich wo mu Budagi,Juventus nawo washitse muri ico gice utsinze Real Madrid wo muri Espagne.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.