IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CHAN 2016 : Igikombe catashe muri RDC

CHAN 2016 : Igikombe catashe muri RDC

lundi 8 Ruhuhuma 2016, par egide

Ku ntsinzi y’ibitsindo bitatu ku busa bwa Mali, umurwi wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo watahukanye igikombe c’irushanwa rya CHAN 2016, hamwe n’ibahasha y’amafaranga ibihumbi 750 y’amadorare.

Mu rukino rwa nyuma rwabaye kuri uwu w’Imana, iyo ntsinzi ya Congo yabonekeye mu bitsindo bibiri vya mbere vyinjijwe na Elia Mechak, hamwe n’ica gatatu cinjijwe na Jonathan Bolinga Mpangi, mu gihe umurwi wa Mali ataco winjije.

Ico gikombe ca CHAN umurwi wa Congo w’umumenyereza Florent Ibenge wagiheruka mu 2009. Kuva CHAN 2016 itangura, umurwi wa Congo watsinzwe rimwe gusa.

Mu rukino rw’uguhiganirwa ikibanza ca gatatu, umurwi wa Côte d’Ivoire watsinze Guinea ibitsendo bibiri ku busa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.