CHAN 2016:Urwanda rwaronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma

Yanditswe na IGIHE
Kuya 21 janvier 2016 saa 05:17
Yasomwe : 7830
0 0

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda Amavubi waronse uburenganzira bwo gukina igice 1/4 c’ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ikinisha abakinyi bakina mu bihugu vyabo,inyuma yo gutsinda umurwi wa Gabon ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Urukino rwabereye ku kibuga mpuzamakungu AMAHORO isaha icenda z’umuhingamo,kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Nzero 2016.
Ibitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda cinjiye ku munota wa 43 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Sugira .
Inyuma gatoya igice (...)

Inyuma gatoya igice ca kabiri gitanguye, Sugira Nyene yaciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma b’umurwi wa Gabon yinjiza igitsindo ca kabiri.

Inyuma gato,umukinyi wa Gabon Aaron Salem Boupendza yaciye mu ryahumye abakinyi b’inyuma b’Urwanda kubera ubwinshi bwabo,aca yinjiza igitsindo kimwe ca Gabon.

Urukino rwarangiye ari ibitsindo bibiri ku gitsindo kimwe ca Gabon,gutyo Urwanda ruronka uburenganzira bwo gukina igice 1/4 gishira ica nyuma.

Kumenyekanisha

1
turaje 22-01-2016 à 06:22

amavubi ari kudwinga courage Mon equipe amavubi star

2
muhire 21-01-2016 à 19:06

abanyarwanda bashyira hamwe si nkamwe mwirirwa muryana mubareke bikomereze, bo bemeye manda ya 17ans abarundi bananirwa kumvikana kuri manda ya 5ans.

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha