Accueil > Inkino > FOOTBALL > Copa America : Lionel Messi yatakaje amahirwe irigira kabiri (...)
Copa America : Lionel Messi yatakaje amahirwe irigira kabiri yikurikiranya
lundi 27 Ruheshi 2016, par
Lionel Messi yasubiriye kubura igikombe ca Copa America ku ncuro ya kabiri yikurikiranya mu guhusha penariti, inyuma yo gutsindirwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Chilie ku rukino wa nyuma, hakaba habanje guterwa penariti, Argentine itsindwa 2 kuri 4.

Ni urukino rwaheze imirwi yombi inganya ubusa ku busa. Ni urukino rwagaragayemwo ugushamirana ku mpande zompi, kuko wanabonetsemwo amakarata atukura abiri.

Argentine imaze imyaka 23 ata gikombe gikomeye itwara, ndetse amahirwe ya Messi yo gutwara igikombe arushirizaho kugabanuka.
Mu myaka itatu Argentine itakaje inkino zitatu yikurikiranya, aho hose ikaba iba yashitse mu gice ca nyuma.
Mu mwaka w’2014 yatsinzwe n’Ubudagi mu rukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi, imbere yo gutakaza incuro zibiri zikurikirana muri Copa America, itsinzwe na Chilie mu 2015 n’2016.
Amafoto










IGIHE
Messages
27 Ruheshi 2016, 12:43, par jean
Ntawusangira n’uwutabega. Ntakundi ni yihangane kandi si we ahomvye wenyene ni igihugu cose ca ARGENTINE kandi haburana babiri hagatsinda umwe.
29 Ruheshi 2016, 20:44, par musa wabongo
Jewe Nitwa Musa Wabongo.Jewe Ichonotelela Mbona Ko Messi Asa Nuwalushe Bamuluhulile Nkumwaka Wose Nayo.Mlakoze
30 Ruheshi 2016, 04:58, par Ezila
ndaryohew kw’umvako argantine yatash.nimba messi atarimw?kobamugira ikimanacabo,
2 Mukakaro 2016, 23:18, par Bertin Mu Ruyigi-Nyabitsinda
Messi Ko Yavuze Ko Atazosubira Gukira Argentina Yoba Yarihanuye Agaheba Iyo Ngingo?Nkaba Ndumukunzi Wa Barca.Jewe Novuga Ko Yobangira Kwiyo Ngingo Nkuko Umumenyereza Yabimusavye.Murakoze.
6 Mukakaro 2016, 06:16, par NIYIGABA Augustin
NIYIHANGANE AZATSINDA UBUTAHA NTAMUGABO UDATSINDWNIYIHANGANE AZATSINDA UBUTAHA NTAMUGABO UDATSINDWA.
8 Mukakaro 2016, 06:09, par KABURA Félix
Ndanezerewe Kubona Lionel Messi Adatwaye Copa Amerca