IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > CREDEJ : Abagize umurwi utegura inama rukokoma y’indero bakwiye (...)

CREDEJ : Abagize umurwi utegura inama rukokoma y’indero bakwiye guhindurwa

vendredi 7 Munyonyo 2014

Mw’ishirahamwe CREDEJ basaba ihindurwa ry’abagize umurwi ujejwe gutegura inama rukokoma y’indero itegekanijwe mu kwezi kwa Kigarama, kuko muri 25 bawugize, ibice 92 kw’ijana bigizwe n’abari muri Reta gusa.

Nk’uko biri mu rwete, umukuru w’ishirahamwe CREDEJ (Centre pour le Renforcement de l’Education et du Développement de la Jeunesse) yarungikiye umukuru w’umurwi ujejwe gutegura iyo nama kuwa 20 Gitugutu, ubwa mbere na mbere, ishirahamwe CREDEJ riranegura uko ibikorwa vyo gutegura iyo nama biriko biratunganywa. Igituma n’uko hari ibibazo, ico bita "questionnaires d’enquêtes" vyakwiragijwe ahanini mu bagize Reta hamwe n’abanyagihugu kugira bavyishure, ariko ugasanga ahanini muri abo vyahawe nta bumenyi babifitiye. Muri CREDEJ bakabona ko ivyo bibazo bimaze guhabwa abataribo gurtyo n’ivyegeranyo bizova muri ivyo bibazo bizoba atarivyo, kuko amatohoza azoba yakozwe azoba atariyo. Ku bw’iryo shirahamwe, bizoba bije gutesha intumbero gusa, nk’uko Arsène Arakaza arongoye CREDEJ abandanya abishikiriza.

Muri CREDEJ bararajwe ishinga kandi n’abagize umurwi ujejwe gutegura iyo nama rukokoma, kuko kuri 25 bawugize ibice 92 kw’ijana ari abasanzwe bari muri Reta, na cane cane abasanzwe bakora mu biro vy’umukuru w’igihugu hamwe n’icegera ciwe, nk’uko Arsène Arakaza abandanya avyigana. Ivyo rero bizotuma bidakunda ko bategura neza ibintu mu gihe ata bantu bigenga barimwo kuko uwo murwi wategerezwa kujamwo abahinga aho kuba umurwi w’abanyeporitike.

Muri CREDEJ basaba ko ivyo bibazo bateguye bobiha abasanzwe begwa n’ibibazo vy’indero, kugira muri iyo nama rukokoma umwe wese azoheze yitegekanye intererano, yongere anayisigure. Basaba ko ubutumire bwotangura gutangwa, abazokwitaba iyo nama bakabimenya hakiri kare. Abagize uwo murwi nabo bohindurwa hagashiramwo abandi, umurwi ntugume wiziziwe n’abo muri Reta gusa.

Twarondeye uwugize uwo murwi, Gaspard Banyankimbona asanzwe ari umunyambanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, ariko ntitwashoboye kumuronka. Ico babivugako muri uwo murwi isango akaba ari mu makuru yacu yo hanyuma.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.