Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yahagaritswe gukina mu gihe yarakenewe cane
Cristiano Ronaldo yahagaritswe gukina mu gihe yarakenewe cane
vendredi 11 Ndamukiza 2014
Umurongo ntangaza makuru w’umurwi wa Real Madrid watangaje ko umukinyi rurangiranwa wawo Cristiano Ronaldo, agiye kumara indwi z’ibiri adahonyoye mu kibuga kubera arwaye mu kuguru. Uwo agiye kutazokina inkino zikomakomye Real Madrid wimirije.

Mu gihe himirije urukino rwanyuma rw’igikombe c’umwami mu gihugu ca Espagne ruzokinwa n’imirwi FC Barcelone na Real Madrid kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza, umurongo ntangaza makuru w’umurwi wa Real Madrid wamaze gutangazako umukinyi akomeye Cristiano Ronaldo atazokina. Eka si urwo rukino gusa asivye kuko n’urukino rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino za Champions League, uwo mukinyi ntazoboneka mu kibuga. Ivyo rero vyamenyekanye inyuma yaho umuganga akwirikirana akanavura abakinyi ba Real Madrid amenyeshejeko Cristiano afise ingorane z’imitsi yo mw’itako mu kuguru kw’ibubamfu.
Ni agahombo kanini cane k’umurwi wa Real Madrid kuko biramaze kubonekako atari mu kibuga ikibanza ciwe kigumana agahaze, Abarundi bati:"karahara mu ruganda ntibacura". Ivyo vyabonetse mu rukino rwo gusubiza rwahuje uwo murrwi na Borussia Dortmund aho Real Madrid watsinzwe 2-0.
Mbega rwa runani rw’abasatirizi bise BBC (Bale, Benzema, Cristiano) rubuzemwo Cristiano ruzogenda?
Mwomenayako kuva yinjiye muri eal Madrid rigize gatatu amara umwanya munini ataja mu kibuga. Mu mwaka w’i 2009, yahagitswe kuva kw’igenekerezo rya 30 Nyakanga gushika ku rya 25 Munyonyo, iyo yari incuro ya mbere. Incuro ya kabiri, hari mu mwaka w’i 2011, naho yahagaze kuva kw’igenekerezo rya 03 gushika ku rya 16 Ntwarante.
Chérif Nkeshimana