Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Croix-Rouge Burundi yatanze imisegetera irimwo umuti mu mashure yose afise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Croix-Rouge Burundi yatanze imisegetera irimwo umuti mu mashure yose afise (...)

Croix-Rouge Burundi yatanze imisegetera irimwo umuti mu mashure yose afise uburaro

vendredi 15 Ruhuhuma 2013

Itangwa ry’imisegetera irimwo umuti urwanya Malaria ryatanguriye Kw’ishure ryisumbuye rya Rutana kuri uyu wa kane italike 14 Ruhuhumna 2013. Hatanzwe imisegetera irenga 1000, mu Burundi bwose naho hazotangwa imisegetera irengaibihumbi 100. Umuyobozi wa Lycee Rutana n’abanyeshure barashimye iyo ngabire.

Umuryango utabara imbabare mu Burundi Croix Rouge watanze imisegetera irenga 1000 kuri Lycee Rutana. Croix Rouge imenyesha ko izobandanya ico gikorwa mu mashure yose afise uburaro mu Burundi, aho ngo hazotangwa imisegetera irenga ibihumbi 100.

Uwo mugambi watanguriye kuri iryo shure kuko ngo harangwa ibiharuro biteye ubwoba vy’abana barwaye Malaria. Umuyobozi wa Lycee Rutana, Emmanuel Manirambona yatubwiye ko mu gice ca kabiri gusa hamaze kurwara abanyeshure barenga 100 kandi bose ngo bari basinzikajwe n’ingwara ya Malaria. Bitumwa n’uko hari imibu myinshi kuko ari mu ntara kama ya Kumoso.

Abanyeshure baronse iyo misegetera barashima cane, bakavuga ko ari akaryo bahawe ko kwikingira Malaria. Bavuga kandi ko batahora basinziriza kubera imibu ariko ngo ubu bagiye gusinzira neza bipfutse imisegetera hanyuma bagire amagara mezaa maze bashobore kwiga neza batere imbere.

Umuryango utabara imbabare Croi-Rouge Burundi waciye wugurura inzu yo kwibarukiramwo y’abakenyezi. Yubatswe kw’ivuriro ritoya riri ku mugwa mukuru w’intara ya Rutana. Ngo hashobora kuvyarira abakenyezi bashika 10 icarimwe.

Umukenyezi umwe yatubwiye ko ari akanyamuneza kuri we kuko yahora agenda ibilometero bishika 5 n’amaguru agiye kwibaruka. Yamenyesheje ko iryo yakiriro rizotuma n’abakenyezi bagira ingorane kubera kuvyarira muhira bagabanuka.

Umuryango utabara imbabare Croix-Rouge Burundi wasavye abanyagihugu bo mu Rutana n’abanyeshure bo kw’ishure Lycee Rutana gufata neza no gukoresha neza iyo ngabire kugira bagire amagara meza.

Uwo muryango wibukije ko wari umaze kubaka umugende w’amazi meza ya rusengo ariko ngo kubera uwo mugende wafashwe nabi, waciye wononekara.


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.