IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Eto’o Fils yagenywe kumenyereza Antalyaspor

Eto’o Fils yagenywe kumenyereza Antalyaspor

jeudi 17 Kigarama 2015

Umukinyi ava mu gihugu ca Cameroun yakiniye n’umurwi nserukira gihugu Samuel Eto’o Fils yagenywe kuba umumenyereza mukuru w’umurwi Antalyaspor wo mu gihugu ca Tirikiya,mu kiringo c’imyaka itatu.

Samuel Eto’o Fils yagenywe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Kigarama 2015,yagiye mu murwi wa Antaria Sport nk’umukinyi ariko inyuma yaho ubuyobozi bw ‘uyo murwi bwirukaniye umumenyereza Eto’o Fils yaciye agenwa kuba umumenyereza mukuru.

Umukinyi Patrick Mbona yigeze gukinira umurwi nserukiragihugu wa Cameroun yavuze ko kuva kera Eto’o yamye amubwira ko yipfuza kuba umumenyereza w’umurwi.

Kubwa Patrick Mboma,Eto’o Fils agiye gukora ico akunda ariko afise amakenga ko bizomugora kwihangana kuko igikorwa co kumenyereza gisaba ukwihangana kudasanzwe.

Samuel Eto’o Fils yarakiniye imirwi itandukanye ku mugabane wa Buraya,harimwo umurwi wa FC Barcelona,akaba yaratwaye kandi n’umupira w’inzahabu uhabwa umukinyi yigenjeje neza mu mwaka kw’isi yose.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.