IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > EURO 2016 : Portugal yashitse mu gice ca nyuma

EURO 2016 : Portugal yashitse mu gice ca nyuma

jeudi 7 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’imyaka 12 yose, umurwi nserukiragihugu wa Portugal washitse mu gice ca nyuma c’inkino zihuza ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya. Uwo murwi wabishitseko inyuma y’ugutsinda Pays de Galles ibitsindo bibiri ku busa, mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Mu rukino rukomeye rwabaye kuri uwu wa gatatu ku kibuga "Stade des Lumières" kiri mu gisagara ca Lyon, umukinyi Cristiano Ronaldo yafashije igihugu ciwe gushika mu gice ca nyuma c’iryo higanwa, akaba yinjije igitsindo n’umutwe, ku munota wa 50.

Inyuma y’iminota itatu gusa, umukinyi Nani nawe yaciye yinjiza igitsindo ca kabiri ca Portugal, urukino rukaba rwaheze ari ivyo bitsindo bibiri vya Portugal, ku busa bwa Pays de Galles.

Umurwi uzohura na Portugal mu gice ca nyuma umenyekana kuri uwu wa kane, inyuma y’urukino ruza guhuza Ubufaransa n’Ubudagi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.