IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Facebook yatanguje umugambi wo gukwiragiza umuhora wa Internet (...)

Facebook yatanguje umugambi wo gukwiragiza umuhora wa Internet kw’isi

jeudi 22 Myandagaro 2013

Umuyobozi akaba ari nawe yatanguje urubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook, Mark Zuckerberg, yatanguje umugambi mushasha ugamije kuronsa ubuhinga bwa internet abantu imiriyaridi 5 ku miriyaridi 7 z’aba kw’isi. Uwo mugambi akaba azowufadikanya n’ayandi mashahamwe akora mu vya internet.

JPEG - 13.9 ko
Mark Zuckerberg aho yariko asigura uwo mugambi mushasha

Uwo mugambi wa Mark Zuckerberg ugamije urwiza igitigiri c’abakoresha uburyo bwa internet maze n’abakoresha urubuga rwiwe rwa Facebook. Kugeza ubu, umuntu 1 kuri 7 kw’isi aba akoresha urubuga rwa facebook. Ni ukuvuga abantu umuriyaridi umwe bari kurubuga rwa facebook. Kugira akwize abantu 5 kuri 7 kw’isi bakoresha facebook yahisemwo gufasha kuronka abantu ubuhinga bwa internet kuko aribwo bwa mbere bukenerwa kugira ishike kuri iryo hangiro.

Uwo mugambi facebook ikaba igiye kuwufadikanyamwo n’amashirahamwe nka Samsung, Nokia, Qualcomm na Ericsson. Ayo mashirahamwe akaba yaragirany amasezerano ndetse amaze no gushira ku murongo kuri internet urubuga ngurukanabumenyi rw’uwo mugambi rwitwa “internet.org”. Ayo mashirahamwe yose akaba agiye kworosha uburyo bwo kurungika amasanamu n’ amajwi ivyo rero bikoreshejwe umucanwa muke ushobotse ndetse no kukiguzi gito.

Uwo mugambi ukaba utazokworoha mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere. Na cane cane mu bihugu vya Afrika kuko inyubakwa zijanye n’uburyo bwa none zigikenye cane. uwo mugambi wa facebook ukaba uje usanga uwundi mushasha wa Google wiswe “Project Loon”, umugambi wo gukwiragiza umuhora wa internet hakoreshejwe ibipurizo bizorekurwa mu kirere.

JPEG - 5 ko
Mark Zuckerberg

Umuyobozi wa facebook, ku myaka 29 gusa y’amavuko, Mark Zuckerberg ari mu batunzi ba mbere kw’isi bakira bato. Ubutunzi bwiwe bukaba buharurwa muma miriyaridi 20 z’amahera y’amadorari y’amanyamerika. Mu 2012, akaba yagize ubugeni n’uwiitwa Priscilla Chan.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.