FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi

Yanditswe na Van Naris Mugisha
Kuya 21 décembre 2015 saa 08:27
Yasomwe : 13743
0 0

Umurwi wa FC Barcelona watahukanye igikombe c’isi c’imirwi cabera mu gihugu c’Ubuyapani.FC Barcelona yatsinze umurwi River Plate mu rukino rwa nyuma ku bitsindo bitatu ku busa.
Ivyo bitsindo vyinjijwe na Lionel Messi na Louis Suarez, bafashije FC Barcelone gutahukana igikombe ca gatanu muri uyu mwaka.
Umumenyereza Luis Enrique yatanguye umwaka nabi inyuma yo gutsindwa na Real Sociedad benshi batanguye kuvuga ko atari ku rugero rwo kumenyereza umurwi nka FC Barcelona,ariko ubu niwe mu (...)

Umurwi wa FC Barcelona watahukanye igikombe c’isi c’imirwi cabera mu gihugu c’Ubuyapani.FC Barcelona yatsinze umurwi River Plate mu rukino rwa nyuma ku bitsindo bitatu ku busa.

Ivyo bitsindo vyinjijwe na Lionel Messi na Louis Suarez, bafashije FC Barcelone gutahukana igikombe ca gatanu muri uyu mwaka.

Umumenyereza Luis Enrique yatanguye umwaka nabi inyuma yo gutsindwa na Real Sociedad benshi batanguye kuvuga ko atari ku rugero rwo kumenyereza umurwi nka FC Barcelona,ariko ubu niwe mu menyereza ari mu munezero inyuma yo gutwara ibitsindo bitanu mu mwaka umwe.

Igitsindo ca mbere catsinzwe na Lionel Messi ku munota wa 36 w’urukino ibindi bibiri bitsindwa na Louis Suarez mu gice ca kabiri c’urukino.

Ico gikombe bagitsindiye inyuma y’ico ihiganwa rya Espagne,igikombe ca League des champions,ico umwami n’igikombe gisumba ibindi ku mugabane wa Buraya.

Inyabutatu igizwe na Lionel Messi, Suarez na Neymar imaze gutsinda ibitsindo 176 kuva umwaka w’inkino w’2015 utanguye,mu gihe mu mwaka w’2012 bari binjije ibitsindo 175.


Kumenyekanisha

1
Isaac 2-07-2016 à 21:49

Messi Komera Wavyaye Babiri Neyimare Na Nswareze Konca wa Tsu Komera Usisikare Akazi

2
Etienne IRUMVA 25-12-2015 à 18:13

Nukuri umumenyereza wa Fc Barcelone nambandanye ukonyene !

3
J.Marie ndayizeye 25-12-2015 à 06:02

FCB nitsinde irabikwiy kuko irimwo ibihangang.nibakomere

4
netweyzlix 24-12-2015 à 11:36

nari ndavyiteguye

5
Gilbert NZAMBIMANA 22-12-2015 à 12:33

FCB ntibitangaje kuba yaronse igikombe c’agatanu n’ibindi vya 2015-2016 izobitwara atacamira kuko n’umurwi ukomeye cane.

6
MESSI LIONAIR 22-12-2015 à 03:58

MESSI LIONAIR NDAGUJUNDA KUKO URUMUKI WAKARORERO NIJEWE UMUFANA WABARSELONA DEZIRE NZOHABONAYO

7
MESSI LIONAIR 22-12-2015 à 03:56

MESSI LIONAIR NDAGUJUNDA KUKO URUMUKI WAKARORERO NIJEWE UMUFANA WABARSELONA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha