FC Barcelone yatsinze Real Madrid : MNS na BBC vyagenze gute?

Yanditswe na Cherif Nkeshimana
Kuya 23 Ntwarante 2015 saa 10:33
Yasomwe :
0 0

Urukino rwahuje imirwi y’ibihangange mu gihugu ca Espane no kw’isi, ariyo Real Madrid na FC Barcelone rwarangiye ku ntsinze ya FC Barcelone. Louis Suarez yahagaze nk’umukinyi yokwitirirwa urukino ku ruhande rwa FC Barcelone.
Mu rutonde rw’inkino z’umupira w’amaguru batazira El Classico, FC Barcelone yirahiye kuri uwu w’Imana umukeba wayo Real Madrid ku bitsindo 2 kuri 1. Igitsindo ca mbere c’umurwi wa FC Barcelone cinjiye ku munota wa 19 ku mutwe uvuye mu mfuruka watewe na Jérémy Mathieu w’izamu (...)

Urukino rwahuje imirwi y’ibihangange mu gihugu ca Espane no kw’isi, ariyo Real Madrid na FC Barcelone rwarangiye ku ntsinze ya FC Barcelone. Louis Suarez yahagaze nk’umukinyi yokwitirirwa urukino ku ruhande rwa FC Barcelone.

Mu rutonde rw’inkino z’umupira w’amaguru batazira El Classico, FC Barcelone yirahiye kuri uwu w’Imana umukeba wayo Real Madrid ku bitsindo 2 kuri 1. Igitsindo ca mbere c’umurwi wa FC Barcelone cinjiye ku munota wa 19 ku mutwe uvuye mu mfuruka watewe na Jérémy Mathieu w’izamu rya Iker Casillas w’imyaka 33.

Umunezero wa Barcelone ntiwamaze umwanya munini inyuma y’ico gitsindo kuko ku munota wa 31 CR7 canke Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo carangije igice ca mbere c’urukino.

Abakinyi bo mu runani BBC na MNS bavyifashemwo gute?

Abakunda urukino rw’umupira w’amaguru babona ko urukino ruhagaze cane cane ku basatirizi Benzema, Bale na Cristiano (Real Madrid), hamwe na Messi, Neymar na Suarez (MNS). Intsinzi rero yatahukanye abo banyuma ku kibuga c’i Camp Nou ca FC Barcelone.

Abakinyi nka Neymar yarahushije ibitsindo kandi vyaboneka ko acunzwe cane, Suarez nawe nyene yaracunzwe cane gushika aho amakosa yabaye menshi kuri Pepe yahavuye asubirizwa kubera gutinya guhabwa ikarata itukura. Lionel Messi ntiyabonetse cane mu gice ca mbere c’urukino ariko mu gice ca kabiri yari yazikenyeye.

Ku ruhande rwa Real Madrid, Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo c’umurwi wiwe kandi imipira myinshi yaciye ku ruhande rwiwe na Marcelo bayakira neza, eka na Benzema yakinye neza, ariko Bale ntiyakinye nk’uko yahora. Bale yaranidogewe n’abakunzi ba Real Madrid, babazwa n’uko James Rodriguez atabaye akomeye ariwe yari gukina muri ico kibanza.

FC Barcelone iciye ija kw’isonga mu nkino z’igikombe ca La Liga co muri Espagne n’ibitsindo 68 kuri 64 vya Real Madrid. Biri uko mu gihe hasigaye inkino 10 kugira ihiganwa ryo muri Espagne rihere.


Kumenyekanisha

1
Edimond 25-02-2018 à 23:02

Rear Nibaze Barayiha Ikipe Ninini Turabe Ivyayo Bareke Kuyiha Ntont

2
hakizimana Richard 19-02-2018 à 16:04

ndaryohew cane kur iyo nkuru mubandany muduh izindi.

3
thierry coyitungiye ngozi kiremba 17-02-2018 à 21:53

rabamabatere kuko irikazoza kejo gusa natwebwe niko tuba mumisozi turafise abana bazigukina cane gusa natwe tubamumisozi muraza muratwibuka natwe tugire ico dutereye uburundi nabarundi thierry coyitungiye ngozi kiremba gakere masanganzira

4
Ciza Etienne 5-02-2018 à 23:48

Ndongeye Gutera Intege Abafana Blcln Nnocent Nawe Najekure Imiga Ayira Abatayizi Nareke Kuguma Avuga Yamuhe Naze Mwitimu Imirwango Iruguruye Ka Ndi Mumi Azotanga Biye Kugira Yinjire Nabure Aze? Leale Yaritimukera! Twari Twirabiye Hasi Bakaguma Batugaya Barce Oye?

5
Ciza Etienne 5-02-2018 à 23:32

Mbanjekubaramutsa Abafana Barcelone Nimu Sangwe! Intsinzi Swarez Nawe Nakome ReKuri Terre

6
Nishimagizwe Cyprien 8-01-2018 à 20:42

Jewe Umufana Wa Real Madrid Wemejwe Mbon Yk Umumenyerez Zinedine Zidane Yokumvir Abakuru Akazan Mohammed Salah ’ Harry Kane’ Hednazard Kugr Bongerez Effort Kbr Ndabn Vyayangay Vrt Kand Benzema Bamurish Bench Kbx Harry Kane Yikinir Knd Ngiriyek Mpoz Abafana Ba Real Madrid Ah Br Hos At Mwihangn Imana Izobkra Vrmt . Is My Thinking!!

7
Mahoro Moïse 22-08-2017 à 20:59

mbega Barcelona Imazekugura Abakinyibangah Nabiriko Irahiga Niband?

8
Jean De Dieu 19-08-2017 à 12:00

twaray Tubirahiy Nyen Baz Basubire

9
HARAGIRIMANA INNOCENT 1er-08-2017 à 20:35

JEWE INNOCENT HARAGIRIMANA ICO NBONA NAHO FC BARCELONE YARAYE IDUTSINZE IVYO NTIVYODUCIR’ IKIDO ISHATI, KANDI NTIBISHIME KUKO "IGITUGU KIRAKURA NTIGISUNBA IZOSI" KANDI BIBUKE ICO TUBASUMVYA.

10
NGENDAKUMANA BOSCO 28-07-2017 à 19:55

F C BARICELONA NIGUMEKUNTSINTSI NEYIMAL GUMAKUNTSINTSI.

11
Keitti 22-05-2017 à 19:46

Ni Agateka

12
Hamenyimana Abel 18-05-2017 à 07:02

Messi Amazegutsinda Ibitego Bingahe?

13
nyabenda dieudonne 14-05-2017 à 20:51

nyabenda dieudonne

14
ndayikeza 13-05-2017 à 23:43

akanwakabasapikibabarseron kab ayendasemuruwumwakakandimbo nabarisronamuruwumwaka atanigikombenakimwebaronka aba barisronanimwihanganekuko uwumwakamukarabirinyumankisaji Real madrid mubonayanditseko ibikombebibiri ? cankebiraregantimubonacankentimwiyumviramwarahumwecankesabubufasa Real madrid muvugwe

15
Nkurunziza 4-05-2017 à 06:32

Barcelona Nibikose None Ibicindo Vyinjije Bande ?

16
Nduwimana Amos 2-05-2017 à 10:14

Mubisanzwe Fc Barcelone Yatsinze Leal Madrid Ibitego Bingahe?Vyatewe Nabande? Turaziyuko Fc Barcelone Atacari Kuyibuza Gutsinda

17
nkunzimana athanase 30-04-2017 à 19:23

barc irwagongw mu kayanzs turayrmera cane

18
Alphonse 29-04-2017 à 14:36

real?mutatujua pole pole,tunganya amanota tugifis nikirarane.turakaze

19
Anicet 26-04-2017 à 23:11

nnebaricelon isumva amanotangahe real madrid?

20
Irankunda Timothée sanago Prodaction 24-04-2017 à 20:34

Real Madrid Irakina Nudu Kipe Bingana.

1 | 2 | 3

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha