IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FFB:Ihiganwa ry’umwaka 2015-2016 rizotangura kw’igenekerezo rya 12 (...)

FFB:Ihiganwa ry’umwaka 2015-2016 rizotangura kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga

samedi 29 Myandagaro 2015

Umurwi w’ishirahamwe ry’umupra w’amaguru mu Burundi ujejwe gutunganya inkino umenyesha ko ihiganwa ry’umupira w’amaguru rizotangura kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga 2015.

Ku munsi wa mbere w’ihiganwa,ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore,umurwi Messager Bujumbura uzohura na Bujumbura City isaha umunani,mu gihe kuri ico kibuga nyene isaha icumi,umurwi w’abasirikare Muzinga uzohura n’a Inter Star.

Ku kibuga c’intara ya Muyiga,umurwi Olympique Star uzokwakira Olympique Muremera w’i Ngozi,uheruka kuduga mu cicaro ca mbere,mu gihe mu ntara ya Ruyigi umurwi Flambeau de l’Est uzokwakira umurwi wabaye uwa mbere mw’ihiganwa riheruka Vitalo.

I Ngozi,umurwi Messager Ngozi uzokina na Aigle Noire w’i Makamba nawo uheruka kuduga mu cicaro ca mbere,mu gihe i Nyanza Lac,umurwi Nyanza United uzokina na Lydia Ludic Sport for Africa.

I Bubanza, umurwi Les Eléphants nawo nyene uheruka kuduga mu cicaro ca mbere,uzokina Royal FC w’i Muramvya,mu gihe urukino rwa nyuma rwo ku munsi wa mbere w’ihiganwa ruzohuza umurwi Les crocos wo mu Rumonge na Athletico ku kibuga c’inkino Vyizigiro co mu Rumonge


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.