Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : Gianni Infantino yatsinze amatora
FIFA : Gianni Infantino yatsinze amatora
vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par
Gianni Infantino yahora ari umunyamabanga mukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya, yatorewe kuba umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA) kw’isi yose. Agiye mu kibanza cahoramwo Sepp Blatter yahora ayoboye iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’1998.
Gianni Infantino w’imyaka 45 asanzwe akomoka mu Buswise ari naho hari icicaro c’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, yatsinze mu matora yabereye i Zurich mu Buswise kuri uwu wa 26 Ntwarante 2016, akaba azorongora iryo shirahamawe mu kiringo c’imyaka ine.
- Gianni Infantino w’imyaka 45 asanzwe akomoka mu Buswise
Gianni Infantino yabaye umunyamabanga mukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya kuva mu 2009 gushika mu 2016.
Gianni Infantino, nk’umuyobozi mushasha, yitezweko kugerageza kugarukana isanamu nziza y’iryo shirahamwe ku bakunzi k’umupira w’amaguru, inyuma y’imyaka 20 iryo shirahamwe rivugwamwo igiturire co ku rwego rwo hejuru.
Uwo yatsinze amatora yahiganwe na Sheikh Salman bin Ebrahim al-Khalifa, Mwana mfalme Ali bin al-Hussein hamwe na Jerome Champagne.
IGIHE
Messages
28 Ruhuhuma 2016, 22:09, par Egide
Nawe Natware Fifa Kandarabe Ko Umupira W’amaguru Woterimbere Cokimwe Kwisi Yose.