Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FIFA : Gianni Infantino yatsinze amatora - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA : Gianni Infantino yatsinze amatora

FIFA : Gianni Infantino yatsinze amatora

vendredi 26 Ruhuhuma 2016, par egide

Gianni Infantino yahora ari umunyamabanga mukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya, yatorewe kuba umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru (FIFA) kw’isi yose. Agiye mu kibanza cahoramwo Sepp Blatter yahora ayoboye iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’1998.

Gianni Infantino w’imyaka 45 asanzwe akomoka mu Buswise ari naho hari icicaro c’ishyirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, yatsinze mu matora yabereye i Zurich mu Buswise kuri uwu wa 26 Ntwarante 2016, akaba azorongora iryo shirahamawe mu kiringo c’imyaka ine.

JPEG - 38.3 ko
Gianni Infantino w’imyaka 45 asanzwe akomoka mu Buswise

Gianni Infantino yabaye umunyamabanga mukuru w’urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya kuva mu 2009 gushika mu 2016.

Gianni Infantino, nk’umuyobozi mushasha, yitezweko kugerageza kugarukana isanamu nziza y’iryo shirahamwe ku bakunzi k’umupira w’amaguru, inyuma y’imyaka 20 iryo shirahamwe rivugwamwo igiturire co ku rwego rwo hejuru.

Uwo yatsinze amatora yahiganwe na Sheikh Salman bin Ebrahim al-Khalifa, Mwana mfalme Ali bin al-Hussein hamwe na Jerome Champagne.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.