Accueil > Imibano > Indero > Frere Emmanuel Ntakarutimana asaba urwaruka kudakurikira nyaringa
Frere Emmanuel Ntakarutimana asaba urwaruka kudakurikira nyaringa
mardi 12 Munyonyo 2013
Kuva aho bigaragariye ko hari urwaruka rukoreshwa n’abanyamigambwe mu gutoteza bamwe n’abandi mu budasa bwabo bwa politike, mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu bakaba bakebura urwo rwaruka kutajana nyabahururu.
Frere Emmanuel Ntakarutimana arongoye uyo murwi, avuga ko urwo rwaruka ruhendwa rukaja kurara ku migono abandi, rubabuza amahoro, rwihenda cane, ahubwo imbere y’ukwo babandanya kuburagiza abandi, bobanza gusubiza amaso inyuma, bakaraba abantu bakoze amabi atandukanye muri iki gihugu, aho benshi atamahoro bafise, mu gihe abandi bari mu mabohero. Frere Ntakarutimana ati, hari abaturiye bagenzi babo babanje ku bambika amapine, hari abandi babishe mu bundi buryo bugayitse, abo bose bahendwa na bamwe mu banyepolitike, ubu abakoze ayo mashano barapfunzwe, ariko ababatumye bo ugasanga barayanyaze canke batanakomwakomwe.
Kuri ivyo rero, Frere Emmanuel Ntakarutimana akaba asaba urwaruka rwo Burundi bw’ejo kudakurikira nyaringa, ngo baje barahendwa bakora amaraso y’inzirakarengane. Umukuru w’uyo murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu akaba anatera ivyatsi abakuze usanga bari kumwe n’urwo rwaruka, bagakokeza muri ubwo bubegito bwo gutoteza abandi. Ivyo vy’urwo rwaruka rero usanga rutana mu mitwe rupfa ukudahuza mu vyapolitike, bikaba vyaravuzwe cane, ari naco gituma abantu batandukanye harimwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike basaba imigambwe gukurikiranira hagufi imyitwarire y’urwaruka barongoye.
Aristide Nizigire
Messages
13 Munyonyo 2013, 08:51, par seven
nagomba gukebura Imbonerakure zikomeza kwica nogusahura biyumvire kandi barebe bibaze ahobazoja umugambwe wabo utagitegeka Igihugu,ugusesamaraso ntabuhizi ntanuwavyiratira keretse imburabwenge,mbabaze,bamwe biyita aba sans echec ububarihehe?Bibuke ko uwicishinkota nawazicishwiyongiyo,bikebuke kuko ababatumabo barabahenda.