Accueil > Inkino > FOOTBALL > Gaël BIGIRIMANA ntakiri ku rutonde rw’abazokinira Uburundi
Gaël BIGIRIMANA ntakiri ku rutonde rw’abazokinira Uburundi
jeudi 24 Ntwarante 2016, par
Gaël BIGIRIMANA, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru asanzwe akinira umurwi wa Newcastle wo mu Bwongereza, ariko ubu akaba yatijwe umurwi wa Coventry City, ntazokina mu nkino zibiri Uburundi buriko burategura guhura n’igihugu ca Namibie.
Izo nkino zitegekanijwe kuri uwu wa gatandatu hamwe no ku munsi wa kabiri, aho hose umukinyi Gael BIGIRIMANA asanzwe ari mu bari batumweko, ntazokina mu Ntamba mu Rugamba, kuko hari ivyo adakwije mu burenganzira bw’ukuza gukinira Uburundi.

Uburundi buzohura kuri uwu wa gatandatu hamwe no ku munsi wa kabiri na Namibie, akaba ari mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi izoja mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika, ihiganwa rizobera muri Gabon mu mwaka uza.

Abakinyi batumweko (Abakina mu Burundi)
Arakaza Mc Arthur
Rugumandiye Yvan
Abakinyi b’inyuma
Harerimana Rachid Léon
Kiza Fataki
Hakizimana Issa
Rugonumugabo Stéphane
Nshimirimana David
Abakinyi bo hagati
Barenge Pistis
Ndikumana Yussuf Lule
Mustapha Francis
Ndayisenga Fwadi
Nahimana Shasiri
Tokoto André - Hakizimana Djuma Tonton
Shabani Hussein
Abasatirizi
Ndarusanze Claude
Laudit Mavugo
Ndikumana Yamin Selemani
Abakinyi bo hanze batumweko
Nzokira Jeff
Nizigiyimana Karim
Nsabiyumva Frédéric
Papy Faty
Abdoul Fiston
Nshimirimana Abbas
Nduwarugira Christophe
Amissi Cédric
Bigirimana Gaël
Kwizera Pierre
Tambwe Amissi
Ndabashinze Dugary
Tubibutse ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ryemereye abakinyi b’Intamba mu rugamba biteguriye urukino ruzohuza Uburundi na Namibie ko agashirukabute bazoronswa muri urwo rukino kavuye ku bihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000 Frs Bu), gashirwa ku bihumbi amajana indwi na mirongo itanu vy’amarundi (750.000 Frs Bu).
IGIHE
Messages
24 Ntwarante 2016, 11:19, par CLAVER LUSAKA ZAMBIE DE BURURI
NDASAVY NDASAVY MUZOTURUNGIKIR KURI FCBK UKUNT VYAGENZ TWE TURI MUMAHNGA MUZOB MUKOZ ,
24 Ntwarante 2016, 19:24, par Ismaël Niyokwizigirwa
Ndabasabiy Imigisha Ndanga Z’uburundi Muzocind Tubari Inyuma.Imana Izobazigamire Murugendo.
24 Ntwarante 2016, 23:39, par eric
Ata saido muzobwira
25 Ntwarante 2016, 15:49, par Thierry
Kubera iki mudatumako abakinyi bakomeye mumahiganwa barimwo nka ba saido uko ari babiri?mugabo naho biri uko namibie ntiyibaze ngo izoshobora uburundi fisto yamin shashir rugo arthur ari ho bari abbas azobamara
25 Ntwarante 2016, 21:14, par NSHIMIRIMANA Kabila
Nivyiza Cane Mutumyeko Abo Bakinyi Bigihugu Cane Cane Kubakina Hanze None Umukinyi SAIDO BERAHINO,SAIDO NTIBAZONKIZA Ko Mutabatumyeko Vyoba Vyaravuye Kuki? Kandi Arabarundi Intamba Murugamba Turazikunda Tubarinyuma Bazotsinda Aller Et Retour
30 Ntwarante 2016, 08:06, par Frédéric
Turashimeye Bene gutegura ako gashiruka bute kuko baragakwiye none umukinyi Gaël ivyangombwa adakwijije ninyabaki?
14 Ndamukiza 2016, 19:13, par niyonkuru jpaul
egome nivyiza cane ariko bazoje bahamagara bigirimana hamwena saido ntibazonkiza murakoze