IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Gaël BIGIRIMANA ntakiri ku rutonde rw’abazokinira Uburundi

Gaël BIGIRIMANA ntakiri ku rutonde rw’abazokinira Uburundi

jeudi 24 Ntwarante 2016, par egide

Gaël BIGIRIMANA, umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru asanzwe akinira umurwi wa Newcastle wo mu Bwongereza, ariko ubu akaba yatijwe umurwi wa Coventry City, ntazokina mu nkino zibiri Uburundi buriko burategura guhura n’igihugu ca Namibie.

Izo nkino zitegekanijwe kuri uwu wa gatandatu hamwe no ku munsi wa kabiri, aho hose umukinyi Gael BIGIRIMANA asanzwe ari mu bari batumweko, ntazokina mu Ntamba mu Rugamba, kuko hari ivyo adakwije mu burenganzira bw’ukuza gukinira Uburundi.

Uburundi buzohura kuri uwu wa gatandatu hamwe no ku munsi wa kabiri na Namibie, akaba ari mw’ihiganwa ry’ukurondera imirwi izoja mu nkino za nyuma z’igikombe ca Afrika, ihiganwa rizobera muri Gabon mu mwaka uza.

Abakinyi batumweko (Abakina mu Burundi)

Arakaza Mc Arthur
Rugumandiye Yvan

Abakinyi b’inyuma

Harerimana Rachid Léon
Kiza Fataki
Hakizimana Issa
Rugonumugabo Stéphane
Nshimirimana David

Abakinyi bo hagati

Barenge Pistis
Ndikumana Yussuf Lule
Mustapha Francis
Ndayisenga Fwadi
Nahimana Shasiri
Tokoto André - Hakizimana Djuma Tonton
Shabani Hussein

Abasatirizi

Ndarusanze Claude
Laudit Mavugo
Ndikumana Yamin Selemani

Abakinyi bo hanze batumweko

Nzokira Jeff
Nizigiyimana Karim
Nsabiyumva Frédéric
Papy Faty
Abdoul Fiston
Nshimirimana Abbas
Nduwarugira Christophe
Amissi Cédric
Bigirimana Gaël
Kwizera Pierre
Tambwe Amissi
Ndabashinze Dugary

Tubibutse ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB) ryemereye abakinyi b’Intamba mu rugamba biteguriye urukino ruzohuza Uburundi na Namibie ko agashirukabute bazoronswa muri urwo rukino kavuye ku bihumbi amajana atanu vy’amarundi (500.000 Frs Bu), gashirwa ku bihumbi amajana indwi na mirongo itanu vy’amarundi (750.000 Frs Bu).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.