IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Gahombo : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bafashwe

Gahombo : Abayoboke ba Zebiya Ngendakumana bafashwe

vendredi 13 Kigarama 2013

Abandi bayoboke ba Zebiya Ngendakumana barasubiye gufatwa n’abajejwe umutekano, mu gihe bariko baja ku musozi wa Businde kuhasengera, muri abo harimwo n’umunyamahanga.

Abafashwe bakaba bagera kuri 13, bagirizwa kuba bari mu bagumura abandi, mu gihe abariko baraja gusenga kuri uyo musozi uri muri komine ya Gahombo mu ntara ya Kayanza, bangana 470. Bafashwe n’abajejwe umutekano mu bucagucagu bwo kuri uyu wa 12 Kigarama uyu mwaka w’2013.

Uyo musozi wa Businde ufatwa n’abo bayoboke ba Zebiya Ngendakumana nk’umusozi uhezagiye wama ugenderwako na Bikira Mariya, ukwo ukwezi guheze, harashizwe ikirindiro gikomeye c’abasirikare, mu ntumbero yo kubuza abo bava mw’idini rya Katorika kwama bahasengera, mu gihe mu ntwaro bavuga ko, hashobora kwiheka inyuma abagizi ba nabi, bagaheva bahungabanya umutekano, mu gihe ndetse no mw’ishengero Katorika bavuga ko abo bantu basengera kuri uyo musozi batabazi.

Muri abo bafashwe harimwo n’umukongomani umwe. Tukabamenyesha ko muri iki gihe, hasanzwe hari abandi bayoboke ba Zebiya bari bakiri mu munyororo, bafatiwe muri ico kibanza kibujijwe ku mvo z’umutekano.

JPEG - 148.5 ko
Zebiya Ngendakumana

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.