Accueil > Imibano > Gufata neza abageze mu zabukuru biracagora imiryango itari mike
Gufata neza abageze mu zabukuru biracagora imiryango itari mike
dimanche 28 Nyakanga 2014
Ugufata neza abageze mu zabukuru biracagora imwe mu miryango usanga ireze abo bakurambere, bamwe ndetse ugasanga barungikwa ku mabarabara gusabiriza.
Mu gisagara ca Bujumbura hakaba hibonekeza imirwi itandukanye y’abageze mu zabukuru bavuga ko barungikwa n’ababo, kugira baze gusaba abarengana. Muri abo bageze mu zabukuru usanga bicaye ku zuba mu mabarabara atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ugasanga abatari bake bakuze cane, ndetse n’ukuva hasi bibagora, mu gihe benshi muri bo bategekwa kwicara kuri iryo barabara gushika bugorobe.
Mariya Namudeyo n’umwe muri abo bageze mu zabukuru twasanze yicaye hafi y’inyubakwa ikoreramwo Air Burundi. Yatumenyesheje ko mu ntambara zagiye ziraba mu gihugu c’Uburundi, abana biwe bahitanywe nazo, mu nyuma aca aja kuba ku musengezana wiwe muri komine ya Kamenge. Uwo mutamakazi avuga ko yavutse ku bami yatumenyesheje ko amafaranga aronka ku munsi atazi uko angana, kuko we atashe baca bayamwaka yose, bukeye agaca azanwa hahandi bagaterekaho.
Uwo munyokuru gutambuka bimugora cane, avuga ko izuba ryose rimuhererako yicayo aho izo ncuti ziwe zishatse ko yicara, iyo imvura naho iguye ataronse uwuhamurura akavuga ko imutsinda aho yicaye. Asaba abagiraneza canke abo bose bafise umutima w’ikigongwe gutaba abageze mu zabukuru batagisigaranye ababo, bapfume babasabira mu bigo vy’abageze mu zabukuru.
Tukabamenyesha ko kuri uyu wa 1 Gitutugu hazoba ari umunsi wahariwe abageze mu zabukuru, uwo munsi abatari bake, bakaba biteze ijambo rihumuriza abageze mu zabukuru batagira Shinge na Rugero, besnhi usanga bafatwa nabi aho babaye.
Aristide Nizigire
Messages
29 Gitugutu 2014, 20:56, par mukobwajana
Ewe ako ni akazi ka leta kuko abantu nta buntu bagifise kuko nabo babayeho nabi raba mu miryango..kuko mu barundi ntawubura uwiwe canke umubanyi..hano mu Burundi twese turazinanye >>>LETA BIGIRE IGIKORWA CAWE MBE ABO BAHUMUYE WIBAZA KO BATIGEZE BAKORA BAGIFISE INGUVU!!!!!