Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gufata neza abageze mu zabukuru biracagora imiryango itari mike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Gufata neza abageze mu zabukuru biracagora imiryango itari mike

Gufata neza abageze mu zabukuru biracagora imiryango itari mike

dimanche 28 Nyakanga 2014

Ugufata neza abageze mu zabukuru biracagora imwe mu miryango usanga ireze abo bakurambere, bamwe ndetse ugasanga barungikwa ku mabarabara gusabiriza.

Mu gisagara ca Bujumbura hakaba hibonekeza imirwi itandukanye y’abageze mu zabukuru bavuga ko barungikwa n’ababo, kugira baze gusaba abarengana. Muri abo bageze mu zabukuru usanga bicaye ku zuba mu mabarabara atandukanye y’igisagara ca Bujumbura, ugasanga abatari bake bakuze cane, ndetse n’ukuva hasi bibagora, mu gihe benshi muri bo bategekwa kwicara kuri iryo barabara gushika bugorobe.

Mariya Namudeyo n’umwe muri abo bageze mu zabukuru twasanze yicaye hafi y’inyubakwa ikoreramwo Air Burundi. Yatumenyesheje ko mu ntambara zagiye ziraba mu gihugu c’Uburundi, abana biwe bahitanywe nazo, mu nyuma aca aja kuba ku musengezana wiwe muri komine ya Kamenge. Uwo mutamakazi avuga ko yavutse ku bami yatumenyesheje ko amafaranga aronka ku munsi atazi uko angana, kuko we atashe baca bayamwaka yose, bukeye agaca azanwa hahandi bagaterekaho.

Uwo munyokuru gutambuka bimugora cane, avuga ko izuba ryose rimuhererako yicayo aho izo ncuti ziwe zishatse ko yicara, iyo imvura naho iguye ataronse uwuhamurura akavuga ko imutsinda aho yicaye. Asaba abagiraneza canke abo bose bafise umutima w’ikigongwe gutaba abageze mu zabukuru batagisigaranye ababo, bapfume babasabira mu bigo vy’abageze mu zabukuru.

Tukabamenyesha ko kuri uyu wa 1 Gitutugu hazoba ari umunsi wahariwe abageze mu zabukuru, uwo munsi abatari bake, bakaba biteze ijambo rihumuriza abageze mu zabukuru batagira Shinge na Rugero, besnhi usanga bafatwa nabi aho babaye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ewe ako ni akazi ka leta kuko abantu nta buntu bagifise kuko nabo babayeho nabi raba mu miryango..kuko mu barundi ntawubura uwiwe canke umubanyi..hano mu Burundi twese turazinanye >>>LETA BIGIRE IGIKORWA CAWE MBE ABO BAHUMUYE WIBAZA KO BATIGEZE BAKORA BAGIFISE INGUVU!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.