IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > BMD : Abanyeshure ba kaminuza za Reta babandanya yegereyegere

BMD : Abanyeshure ba kaminuza za Reta babandanya yegereyegere

mardi 25 Munyonyo 2014

Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta, kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’Uburundi bararahira bakarengwa ko batagiye gusubira ku mashure, hatabayeho amategeko agenga impamyabushobozi bazoronka mu ndinganizo nshasha z’inyigisho BMD.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’abanyeshure baserukira abandi, kuri uno wa kabiri wa 25 Munyonyo, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa z’ikigo c’abamenyeshamakuru "Maison de la presse", abo banyeshure bavuga ko bashatse kumenyesha abarundi n’amakungu aho ibintu bigeze ku vyerekeye yegereyegere batanguye kuva kuwa 3 Gitugutu 2014.

Abo banyeshure bavuga ko bihweje ukuntu umushikiranganji aguma ahunga ibibazo vyabo, ukwivuguruza kuranga umwo mushikiranganji, ishingwa ry’ imirwi n’inganda mu ntumbero yo guhunga ikibazo, bihweje kandi ingene umushikiranganji ababesha ko amategeko basaba ari mbere y’umukuru w’igihugu kugira asinywe n’ibindi, abo banyeshure bamenyesha ko batarota baja ku mashure hatabayeho amategeko agenga iyo mpamyabushobozi bazohabwa, ayo nayo ayaherekeza amategeko y’umukuru w’igihugu nimero 1/22 yo kuwa 30 Kigarama agenga itunganywa gushasha ry’inyigisho za kaminuza mu Burundi.

Abo banyeshure bariyamiriza n’itegeko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Yozefu Butore, yaraye ashizeho rifuta rimwe mu mategeko bavuga ko yovaho, ariko akaba atigeze avuga uko irizorisubirira rizoba rimeze, nk’uko Rurasuma Simon Marie aserukira abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi, hamwe na Nduwayo Venutse aserukira abo kuri ENS.

Abo banyeshure basaba ko hoshirwaho urundi rutonde rw’impamyabushobozi mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi hisunzwe impamyabushobozi nshasha ziriko zitangwa muri uno mwaka. Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, abo banyeshure baserukira abandi bakaba basaba abanyeshure aho bari hose kuguma batekanye kandi bafatanye mu nda.

Tubamenyeshe ko hafi amezi abiri agomba arangire abo banyeshure batanguye yegereyegere kuva kuwa 03 Gitugutu, bari kumwe n’abo mu makaminuza yigenga. Ariko abo bo mu makaminuza yigenga barayivuyemwo, hakaba hasigaye abo mu makaminuza ya Reta.


Floxella karire

Messages

  • "...abo banyeshure bamenyesha ko batarota baja ku mashure..." nobahanura ko boba barigumiye muhira nimba babona ko arivyo bizobungura. Abandi batanguranye urugamba bararuhevye kubera babonye ko impuruka aribo bahomba kubera amahera menshi bariha. Abo nabo bo mu makaminuza ya leta ni babe baritoza utunyoni, bazosigara babaza ngo "mbe mwe mashitse aho ryari", nakare ngo umwana ahetswe neza asohora amaguru. Abo nibo nca bwenge Uburundi buzeyeko urukiza, emwe rela tube turakena ntaco twanze. Mbe ubu ko abantu bose bari mu matora, babona ari nde ariko arabumviriza? Ahubwo baraba barategura iyindi yigereyegere aho bukera bagasubira mu masomero kuko bazosanga na twa tu bourses (tw’inticantikize) badutwaye mu matora, abantu bafyinira ku vyubu barantangaza. Mbe ntibabona ibihe turimwo!

  • Muswi, abasokuru barayamaze koko ngw’izina niryo muntu! Aha ntuzi ko "biterera inzara, vyerera igihe?" mbe iyi leta yanyu iguma icinyiza umunyagihugu gushika yaho irya na bourse y’umuétudia nta kigongwe uyumvira? nabonye bourse uyica intica ntikize ariko sintahura ukuntu abategetsi bahembwa imishara itubutse boja kurya ivyo wise inticantikize. menya yuko ubu uwariwe wese ari kurya ikiremve acirasheko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.