Accueil > Imibano > Ibice 2 kw’ijana vy’abana bagendana ubumuga nibo biga
Ibice 2 kw’ijana vy’abana bagendana ubumuga nibo biga
mercredi 21 Rusama 2014
Ibice bibiri kw’ijana vy’abana bagendana ubumuga nibo barungikwa mw’ishure, mu bihugu biri mu nzira y’amajambere, nk’uko bishikirizwa n’umuhinga Vianney Kirajagaranye.
Nk’uko umuhinga abimenyesha, imvo zituma abana bagendana ubumuga batarungikwa mu mashure ku bwinshi akaba ari izijanye n’ibiyago hagati y’abana bagendana ubumuga n’imiryango, mu kibano, eka ndetse n’abana bokinanye ugasanga hari ingorane kuko batoshobora gusangira inkino ku mwanya umwe, mu kubanguka kumwe n’ibindi. Ikindi akaba ari ingorane z’ibikoresho bijanye n’ubumuga umwana agendana ndetse n’uburyo bw’amafaranga.
Mwomenya ko abana bagendana ubumuga mu Burundi bariho, kandi ubu bigaragara ko imwe mu miryango ifise abo bana iriko iratangura gutahura ko, umwana agendana ubumuga afise nawe ivyo ashoboye, agashobora kujanwa mw’ishure kandi akiteza imbere. Amashure y’abana bagendana ubumuga ariko ararwizwa n’aho impinga ikiri ndende, bakiga imyuga n’ibindi bishobora kuzobateza imbere muri kazoza.

Aristide Nizigire