Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibihugu rutura mu mupira w’amaguru biriko birasezera inkino
Ibihugu rutura mu mupira w’amaguru biriko birasezera inkino
vendredi 20 Ruheshi 2014
Inkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru zirabandanya mu gihugu ca Bresil ku bibuga biri mu bisagara 12. Igice ca mbere c’ikurakuranamwo hagati mu mirwi kirabandanya, bimwe mu bihugu vyitavye biramaze kumenya ko bizobandanya canke vyasezeye.
- Luis Suaz ahejeje kwinjiza ibitsindo 2 mu rukino rwa Uruguay na Angleterre
Bimwe mu bihugu rutura mu mupira w’amaguru biriko birasezera amahiganwa y’igikombe c’isi. Inyuma yaho Espagne, Australia na Cameroun bisezereye amahiganwa, n’igihugu c’Ubwongereza caraye gisezeye amahiganwa. Inkino z’ejo zahuje igihugu ca Cote d’Ivoire yatsinzwe na Colombie ibitsindo 2 kuri 1, hari isaha cumi na zibiri (18h00). Hakurikiye urukino rwahuje Uruguay n’Ubwongereza bwatsinzwe ibitsindo 2 kuri 1. Ico gihugu ca nyuma gica kirasezera kuko caheruka gutsindwa n’Ubutaliyano. Urukino rwa nyuma rwahuje Ubuyapani n’Ubugiriki vyanganije ubusa ku bundi.

Ku rutonde rwo kuri uwu wa gatanu, hakina ibihugu vya Italie na Costa Rica isaha cumi na zibiri (18h00). Ivyo bihugu vyose biramaze gutsinda urukino rwa mbere. Isaha zitatu z’ijoro(21h00) hatana mu mitwe Suisse n’Ubufaransa, eka n’ivyo vyaratsinze urukino rwa mbere. Urwa nyuma ruhuza igihugu ca Honduras na Equateur.
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Ruhuhuma 2017, 21:16, par Banezerwe pacifique
Non ushaka kuwurorera vyokunda uye kuri google