Accueil > Inkino > FOOTBALL > Emirates yahagaritse imfashanyo za FIFA
Emirates yahagaritse imfashanyo za FIFA
jeudi 6 Munyonyo 2014
Ishirahamwe ry’ibihugu bigize "Emirates Arabe Unis" ryahagaritse zimwe mu mfashanyo ryahora riha ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA. Iryo hagarikwa ryatumwe n’ukwikekwako kurya ibiturire kwa FIFA.

Imfashanyo zigizwe n’impuzu z’abakinyi (Maillots) z’imirwi ya Real Madrid, Paris- Saint Germain na Arsenal yahora intangwa na Emirates kubwa FIFA zahagaritswe. Emirates ivuga ko inyuma y’umwaka w’2014 itazosubira gukorana na FIFA, iyo ngingo ifashwe inyuma y’umwihwezo w’uko Emirates ikorana na FIFA.
Biciye mu mahinguriro azwi cane nka Adidas, Hundai, Coca Cola, Sony na Visa, Emirates yatanga amahera angana n’imiriyoni 200 z’ama "euros" kw’ishirahamwe FIFA. Intandaro y’iryo hagarikwa ry’imfashanyo, n’ibiturire vyoba biriko bitangwa muri FIFA ku bijanye n’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose co mu mwaka w’2018 n’2022.

Mwomenya ko mu mwaka w’2018, ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kizokinirwa mu gihugu ca Russie, inyuma y’imyaka ine (mu mwaka w’2022) kizokinirwa mu gihugu ca Quatar, ariko gushika n’ubu haracarimwo igipfungu mw’itegurwa ry’izo nkino mpuzamakungu.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Munyonyo 2014, 14:41, par NTAHOMVUKIYE Privat
bobanza bagatohoza neza ko ar vyo real Madrid izoca ifashwa na nde?