IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibikombe bitatu ku murwi wa Vitalo mu mwaka umwe w’2015

Ibikombe bitatu ku murwi wa Vitalo mu mwaka umwe w’2015

samedi 25 Mukakaro 2015

Umurwi Vitalo wandikishije amateka m gutahana ibikombe bitatu mu mwaka w’umupira w’amaguru w’2015 mu Burundi.

Igikombe ca mbere umurwi Vitalo watahanye,ni igikombe c’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu Primus Ligue,mu gihe ikindi gikombe watahukanye ari igikombe c’umukuru w’igihugu inyuma y’urukino rwa nyuma rwawuhuje n’umurwi Atletico Olympique ku kibuga Uurukundo co mu ntara ya Ngozi.

Urukino rwawuhaye igikombe ca gatatu,rwabaye kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 25 Mukakaro ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.Umurwi wa Vitalo wasubiye guhura n’umurwi Atletico Olympique mu kurwanira igikombe ca Super Coupe.

Urukino rwarangiye umurwi wa Vitalo utsinze ibitsindo 3 k’ubusa bwa Atletico Olympique.Igitsindo ca mbere cinjiye ku munota wa 24 w’igice ca mbere cinjijwe n’umukinyi Moussa Mossi akinira Vitalo,igitsindo ca kabiri cinjiye ku munota wa 55 cinjijwe na Mavugo Laudit,igitsindo ca nyuma cinjijwe n’umukinyi Chabalala ku munota wa 60.

Umurwi wa Vitalo uronka imiliyoni indwi z’amarundi(7000000 frbu) kuko wabaye uwa mbere mw’ihiganwa rya Primus,uce uronka n’imiriyoni imwe n’igice(1500000frbu)kuko watsinze urukino rwa Super Coupe.

Umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi kandi yigenjeje neza ava muri Vitalo

Umukinyi Mavugo Laudit akinira umurwi wa Vitalo niwe yabaye uwa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya Primus Ligue.Ihiganwa ryarangiye umukinyi Mavugo Laudit yinjije ibitsindo 31.Mavugo Laudit ahabwa agashimwe k’umuliyoni w’amarundi (1000000 frbu).

Umukinyi Mavugo Laudit yaronkejwe kandi agashimwe k’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi,inyuma yo gutorwa n’abamenyesha makuru b’inkino mu Burundi.Laudit Mavugo atahanye agashimwe k’imiliyoni zibiri (2000000 frbu) z’amarundi.

Mwomenya ko umurwi wa Vitalo uzoserukira igihugu mu nkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu iwabo ku mugabane wa Afrika.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.