Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo c’amazi ku kibuga citiriwe Rwagasore kibazwa ubushikiranganji (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikibazo c’amazi ku kibuga citiriwe Rwagasore kibazwa ubushikiranganji (...)

Ikibazo c’amazi ku kibuga citiriwe Rwagasore kibazwa ubushikiranganji bw’inkino

jeudi 17 Ndamukiza 2014

Inyuma yo kumenyesha ko ko ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kimaze iminsi iri hafi gukwira ukwezi ata n’ima ry’amazi rihakoroka, ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi buvuga ko ico kibazo atari icabo.

Haheze iminsi ishika ukwezi ata n’ima ry’amazi riboneka, haba mu mazu ya surwumwe, canke mu bwogero bw’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Kugira amazi aboneke, hari abana babanza kuja kuvoma. Tubajije uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (Fédération de Football du Burundi"FFB"), umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo yishuye ko ari ikibazo c’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama.

Ariko uwo mutegetsi aragaruka akavuga ko ikibazo bamaze kugishikiriza ubushikiranganji, araheza akizezako ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu narirya bivugwa ko yoba ari amahera ubwo bushikiranganji bwoba bufitiye ishirahamwe REGIDESO. Arizeza kandi ko amazi azoba yabonetse imbere y’uko urukino rwo gusubiza ruzohuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Djibouti ruba.

Tuzobashikiriza ivyo tuzoba twakuye mu bushikiranganji budomwako urutoke kuri ico kibazo.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.