Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ikibazo c’amazi ku kibuga citiriwe Rwagasore kibazwa ubushikiranganji (...)
Ikibazo c’amazi ku kibuga citiriwe Rwagasore kibazwa ubushikiranganji bw’inkino
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Inyuma yo kumenyesha ko ko ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kimaze iminsi iri hafi gukwira ukwezi ata n’ima ry’amazi rihakoroka, ubuyobozi bw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi buvuga ko ico kibazo atari icabo.

Haheze iminsi ishika ukwezi ata n’ima ry’amazi riboneka, haba mu mazu ya surwumwe, canke mu bwogero bw’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Kugira amazi aboneke, hari abana babanza kuja kuvoma. Tubajije uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (Fédération de Football du Burundi"FFB"), umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo yishuye ko ari ikibazo c’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama.
Ariko uwo mutegetsi aragaruka akavuga ko ikibazo bamaze kugishikiriza ubushikiranganji, araheza akizezako ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu narirya bivugwa ko yoba ari amahera ubwo bushikiranganji bwoba bufitiye ishirahamwe REGIDESO. Arizeza kandi ko amazi azoba yabonetse imbere y’uko urukino rwo gusubiza ruzohuza umurwi w’Intamba mu Rugamba n’umurwi wa Djibouti ruba.
Tuzobashikiriza ivyo tuzoba twakuye mu bushikiranganji budomwako urutoke kuri ico kibazo.
Chérif Nkeshimana
Messages
14 Nzero 2017, 22:41, par Niyonkuru Josué
Nukur Nyakwubahwa Yaragize ICo Amara