Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mu nkino za Primus Ligue, umurwi wa Academie Tchite waratsinzwe biteye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Mu nkino za Primus Ligue, umurwi wa Academie Tchite waratsinzwe biteye (...)

Mu nkino za Primus Ligue, umurwi wa Academie Tchite waratsinzwe biteye isoni

mercredi 12 Munyonyo 2014

Imirwi iri mw’ihiganwa rya Primus Ligue igeze ku ndwi ya 11, indwi y’icumi y’ihiganwa yarimwo urukino rwari rwitezwe n’abantu. Urwo rwahuza umurwi wa mbere n’uwa kabiri kw’isonga ry’imirwi.

Ku ndwi igira icumi y’ihiganwa rya Primus Ligue yavuzwemwo cane urukino rwahuje umurwi wa Vital’o, uri kw’isonga hamwe Atletico uri mu kibanza ca Kabiri. Urukino rwahuje iyo mirwi rwarimwo ugushaka kudasanzwe ku mirwi yose: Vital’o yashaka kuguma mu kibanza ca mbere, Atletico nayo igashaka ico kibanza nyene. Vital’o niyo yatanguye kwinjiza Atletico bivuye ku buhinga umukinyi Laudit Mavugo. Eka na Atletico ntiyicaye, mu gice ca kabiri c’urukino umukinyi Nassor Niyonkuru aca aragombora ico gitsindo, iyo mirwi mikeba ica iranganya. Ica ironka inota rimwe yose.

Mu nkino z’indwi y’icumi, Academie Tchite yarabonye ibara mu gutsindwa ibitsindo indwi kuri kimwe na Prince Louis(1-7). Iyindi mirwi yatsindanye uku: Muzinga 0-0 Flambeau de l’Est, Inter Star o-1 Royal Fc, Rusizi Fc 1-0 Messager Bujumbura, Messager Ngozi 3-1 Nyanza United, LLB 1-0 Olympic Star, Buja City 2-1 Volontaire.

Mwomenya ko inkino z’indwi y’icumi na rimwe zitangura kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo. Zugururwa n’urukino ruhuza LLB na Academie Tchite. Inkino zizobandanya uku gukurikira:

- Igenekerezo rya 13 hazokina:

1) Prince Louis na Royal

2) Volontaire na Rusizi Fc

3) Olympic Star na Atletico

4) Flambeau de l’Est na Buja City

5) Nyanza United na Muzinga

6) Messager Buja na Messager Ngozi

- kw’igenekerezo rya 14: Vital’o izokina na Inter Star


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.