IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi yahora ari iya nyuma muri Primus Ligue iriko itera intambwe

Imirwi yahora ari iya nyuma muri Primus Ligue iriko itera intambwe

jeudi 22 Nzero 2015

Umunsi ugira kabiri w’igice ca kabiri c’inkino z’imirwi yo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ry’igikombe ca Primus Ligue wabonetsemwo iterambere ry’imirwi ya nyuma mu manota no mu bitsindo. Kw’isonga haracari Vital’o ikurikirwa na Atletico.

Inkino zabaye uku gukurikira :

Kw’igenekerezo rya 20 - 01 - 2015 hakinye iyi mirwi :

- LL S4A 3 : 1 MESSAGER NGOZI

- RUSIZI FC 2 : 0 ROYAL

- MUZINGA 1 : 0 PRINCE LOUIS

Kw’igenekerezo rya 21 Nzero, inkino zagenze uku:

- MESSAGER BJM 0 : 1 VOLONTAIRE

- OLYMPIC STAR 1 : 2 BUJUMBURA CITY

- NYANZA UNITED 0 : 1 TCHITE

- FLAMBEAU 1 : 2 VITAL’O

- INTER 1 : 0 ATHLETICO

Muri izo nkino haraboneka akarusho ku murwi wa Academie Tchite aho kuva inkino z’igice ca kabiri zitangura utaratsindwa kandi wavuye ku busa uja ku manota ane, eka n’ideni ry’ibitsindo ryahora kuri -50 rigeze kuri - 49.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.