Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi yari ikeneye Cristiano Ronaldo yahebujwe
Imirwi yari ikeneye Cristiano Ronaldo yahebujwe
lundi 17 Ruheshi 2013
Real Madrid yiteguye guha Ronaldo agahembo k’imiliyoni 25 z’amapound ku mwaka akaguma i Santiago Bernabeu mu murwi wa Real Madrid.
Umukuru w’umurwi Real Madrid, Florentino Perez yamenyesheje ko umukinyi Cristiano Ronaldo atari kw’isoko y’abakinyi bagurishwa, ko uwo mukinyi ariwe Real madrid bagenderako, abafitiye akamaro kanini cane. Perez akaba yipfuza ko umukinyi yorangiriza imyaka yiwe yo gukina umupira w’amaguru mu murwi wa Real Madrid.
Eka mbere n’abayobozi ba Chritiano Ronaldo bemeza ko atazova muri Real Madrid.
- Florentino Perez, umukuru w’umurwi Real Madrid
Man United yariyemeye kumuhemba imiliyoni 15 ku mwaka gusa, ubu bikaba bisa nk’aho bitagikunze. Nk’uko bigaragara, Real yabandanije yerekana ko idakeneye ko umukinyi Cristiano Ronaldo agenda kuko hari vyinshi Real Madrid ikimukeneyeko.
Cristiano Ronaldo akaba rero azoza arahembwa ibihumbi 500 vy’ama pound kw’iyinga gusa kubera ikori ryo muri Espagne ringana n’ibice 50 kw’ijana y’umushahara wiwe, azohora aronka 250 000 vy’amapound kw’iyinga.
Ubu igisigaye ni ukuraba namba umurwi wa Real Madrid uzokwera kumuhebera amafaranga yose ava mu kwiyamamaza kwiwe (Publicite) kuko mu bisanzwe yahora atwara ibice 40 kw’ijana, umurwi wiwe wa Real Madrid agatwara ibice 60 kw’ijana.

Egide Nduwimana
Messages
22 Nyakanga 2015, 06:11, par Innocent Ndayisaba
Twebwe Abakunzi Ba C.Ronaldo N’umurwiwiwe Tubonako C.Ronaldo Umurwi Wa Real Madrid Womushirahejuru Mbere Ukanamurutisha L.Messi Kuko Ivyoariko Akora Bisiga Ubwenge
17 Nyakanga 2016, 19:46, par olivier
cristano ronaldo niwe mukinyi wambere nkunda kwiyisi nzima akor ibitangaza
23 Ndamukiza 2017, 07:39, par ntahondereya
ndipfuzako yoguma murireyare akabandanya akoro ibitangaza muri real madrid