Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imwe mu mirwi y’ibihangange yasezeye amahiganwa y’igikombe c’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imwe mu mirwi y’ibihangange yasezeye amahiganwa y’igikombe c’umukuru (...)

Imwe mu mirwi y’ibihangange yasezeye amahiganwa y’igikombe c’umukuru w’igihugu

lundi 21 Mukakaro 2014

Inkino z’umupira w’amaguru z’imirwi ihiganirwa igikombe c’umukuru w’igihugu zirabandanya. Imirwi itsinzwe ica isezera amahiganwa. Imirwi izokina mu gice ca kane yaramenyekanye mu nkino zabaye mu mpera z’indwi iheze.

Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu zirabandanya, mu mpera z’indwi iheze, imirwi yakinye uku gukwirikira:

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 19 Mukakaro

- Lydia Ludic Burundi yahuye na LIGALA’S (5-0)

- Unite FC yakinye na Royal FC (1-0)

- Elephants yahuye na Olympic Star (3-1)

- Jeunes Atletics na Delta Star batatuwe n’ama penalty (10-9)

- Academie Tchite yahuye na Atletico inyuma y’ama penalty (7-6)

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 20 Mukakaro, imirwi yakinye uku gukwirikira:

-Messager ngozi na AC Tanganyika (2-0)

-  Inter Star inyuma y’igitsindo 1 ku kindi 1 na AC Rusizi, imirwi yatatuwe n’ama penalty (4-1:)

- Mugina yakinye Abawigeze, eka nayonyene yatatuwe na penalty ( 3-4) .

Inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma zizohuza imirwi ikwirikira:

-  Messager Ngozi - Inter Star

- Lydia Ludic Burundi - Academie TCHITE

- Jeunes Atletics - Elephants

- Unite FC - Abawigeze


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.