Accueil > Imibano > Indero > Inama rukokoma y’indero nta cizere iriko iratanga
Inama rukokoma y’indero nta cizere iriko iratanga
mardi 2 Kigarama 2014
Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura inama rukokoma y’indero , Gaspard Banyankimbona yemeza ko bashoboye gutumira imirwi myinshi yaba abavyeyi,abanyeshure no ku ruhande rw’abarezi.

Kuri uno wa kabiri Kigarama 2014, hatanguye inama rukokoma y’indero. Iyo nama ibaye mu gihe igisata c’indero cugarijwe n’ingorane zitandukanye, aha twovuga amayegereyegere y’urutavanavanako muri kaminuza, n’ibindi.
N’ubwo iyo nama yari icizere ko ingorane nyinshi zigiye gutorerwa umuti, nk’uko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza yagiye yizeza abanyeshure nko kucerekeye ivyo basaba bijanye n’impamyabushobozi n’agaciro kayo bazoronka mu ndinganizo nshasha BMD (Baccalaureat- Master- Doctorat), abatari bake yaba ku ruhande rwa sendika y’abigisha muri kaminuza y’Uburundi hamwe no mu mashirahamwe amwe amwe akurikirana ivy’indero mu Burundi, nta rukiza biteze muri iyo nama.
Nk’uko muri CREDEJ babishikirije mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatanu, iyo nama rukokoma y’indero yateguwe nabi, aha agatanga akarorero k’ibibazo vyagiye guhabwa abanyagihugu bishureko kandi ata bumenyi babifitiye. Umurwi ubijejwe ugizwe n’ibice 92 kw’ijana vy’abari muri Reta, mbere muri CREDEJ bakabona ko ari umurwi wa poritike, aho kuba umurwi w’abahinga. Ikindi banegura n’uko batigeze batumirwa muri iyo nama co kimwe n’abagize sendika y’abigisha muri kaminuza y’Uburundi, nk’uko Pascal Kakana arongoye iyo sendika yabishikirije.
Umukuru w’umurwi ujejwe gutegura iyo nama rukokoma y’indero asanzwe ari umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Gaspard Banyankimbona wewe siko abibona. Yemeza ko yatumiye imirwi itandukanye yaba mu bavyeyi, abanyeshure n’abarezi.
Gaspard Banyankimbona agira ati : "Inama rukokoma ntiraba abanyeshure bo mu ma kaminuza gusa ahubwo iraba amashure yose uhereye ku mashure mato mato, ayisumbuye n’ayakaminuza." Banyankimbona abandanya avuga ko bitari gukunda ko bose bakwira mu nzu z’amanama arico gituma batumiye abo biyumvira bashobora guserukira abandi. "Uwoba yibaza ko atatumiwe niyizere abamuserukiye, kuko iciyumviro ciwe kizoshikirizwa kandi kizofatirwako."
Tubamenyeshe ko ibikorwa vy’iyo nama bitegekanijwe kuva kuri uno wa kabiri Kigarama gushika kuwa 5 Kigarama uno mwaka w’2014.
Floxella Karire
Messages
13 Nzero 2016, 12:18, par Niyondiko Richard
Hanahotwi Sinzikazozayacu!Ko Umbona Abatagir’akazi Baruta Abanyeshure!Mana Nahawe!