IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Indero > Indero iva hasi

Indero iva hasi

dimanche 14 Ndamukiza 2013

Mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, mu mwanya w’amashure, abanyeshure bamwe bamwe cana cane abigeme bakiri bato, bariyerereza nkaho umenga nta mashure yahabaye.

Bamwe usanga bambaye impuzu z’ishure, abandi nabo ukabona bambaye impuzu zisanzwe, bigize inkumi zikuze, zahejeje amashure ziriko zirarondera akazi. Aho baba banyegeje impuzu z’ishure mu mamasaho yabo.

Hari naho abo banyeshure bo nyene bita mu makosa, kugira birukanwe mw’ishure baje mu buhumbu ata camira, bamwe baja mu nzoga , abandi mu bushurashuzi. Bavyeyi mwavyaye mugaheka, kurikiranira hagufi indero y’abana banyu kuko amazi ariko ararenga inkombe.

Ku bijanye n’indero kavukire,Uburundi bw’ejo ntaho buriko buraja, kuko urera nabi ugatukwa n’abakwe. Ejo muzohava mwibuka kuyora mwasheshe. Ku munsi kumunsi menya uko umwana wawe yigenje kw’ishure, mugiriranire imigenderanire n’abarezi babo , umenye amasaha yatahiye avuye kw’ishure.

Ku mugoroba akubwiye ko aroye kwigira hamwe n’abandi, perereza wumve neza ko ariyo ari, kuko kurera bisaba kudakubita urugohe. Uwutosora ifuku yamizayo akatsi mu jisho.


Aristide Nizigire

Messages

  • NUKURI IGIHUGU NIKIZE KIFATA ABO BANYESHURI BAFISE IGESO NKIYO KERA TAMUNYESHURI WASAGA AHAGARARANYE NUMUHUNGU IGIHE CO KUVA KWISHURI RETA NIFATE IBIHANO KUNAHUNGU BAZOSAGANA ABANA BABAKOBWA MWIBARABARA BAZE UWUZOFATWA ACIBWE IHADABU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.