Accueil > Inkino > FOOTBALL > Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu ziriko zirabangamira imirwi (...)
Inkino z’igikombe c’umukuru w’igihugu ziriko zirabangamira imirwi ikomeye
mardi 15 Mukakaro 2014
Imirwi y’umupura w’amaguru iriko ihiganirwa igikombe c’umukuru w’igihugu yatanguye kuri uwo wa gatandatu. Ikimaze kuboneka n’imirwi imwe imwe y’ibihangange mu mupira w’amaguru iriko iratsindwa n’imirwi yo mu cicaro ca kabiri. Amahiganwa ageze mu gice c’umunani.

Inkino zatanguye kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro zirabandanya no kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro. Inkino zabaye uku gukurikira :
Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 12/07/2014
Academie Tchite yakinye na Volontaire FC: (3-0)
Abawigeze FC bakinye na Inter FC: Abawigeze (5-4)
Lydia Ludic Burundi na Vital’O FC: (1-0)
AC Tanganyika yakinye na Guepiers du Lac (5-4)
Ligalais FC yakinye na Les Amis FC: (1-0)
Flambeau de l’Est yakinye na Delta Star (4-5)
Mugina FC yakinye na Dynamic: (2-1)
Olympic Star y’i Muyinga yahuye na Olympic Muremera: (3-2)
Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13/07/2014, inkino zarabandanije ku bibuga bitanduka vy’i Burundi, inkino zangenze uku gukwirikira:
Athletico Olympic yakinye na Espoir FC: (4-0)
Les Éléphants FC vs Muzinga FC: (2-1)
Unité FC na Prince Louis FC: 1-0
AS Rusizi yatsinze Messager Bujumbura mu ma "penalty"
Royal FC yakinye na Flamengo FC: (4-2).
Inter Star yakinye na Les Lierres FC: (4-0)
Les Jeunes Athlétiques na Les Crocos: (2-1)
Le Messager Ngozi yahuye na Flambeau du centre: (3-0)
Igice c’umunani kizoba ku magenekerezo ya 19 na 20 Mukakaro, imirwi izokina uku gukwirikira:
Ligalais izokina na Academie Tchite
Olympic star ihure na LLB Academic
Abawigeze bakine na Mugina
Ac Tanganyika izohura na Delta Star
Rusizi izokina na Athletico Olympic
Royal na Inter Stars
Jeunes Athletics bahure na Unite y’i Muyinga
Elephants izokina Messager Ngozi .
Cherif Nkeshimana