IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imvo zatumye bamwe mu bihangange vyo muri Afrika bitaja mu nkino za CAN (...)

Imvo zatumye bamwe mu bihangange vyo muri Afrika bitaja mu nkino za CAN 2015

vendredi 23 Nzero 2015

Inkino za CAN 2015 ziriko zibera mu gihugu ca Guinee Equatoriale hari ibihangange vy’abakinyi bazwi cane muri Afrika no mu makungu bitarimwo ku mvo zitandukanye.

Abo bakinyi batabonetse mu nkino z’imirwi nserukira bihugu iri muri CAN 2015 baharurwa muri 10.

10) Essaid Belkaten(Algerie) ntiyitavye inkino kubera yakomeretse

9) Diafra Sakho(Senegal), nawe nyene yarakomeretse

8) Thulani Serero( Afrika y’Epfo), umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu ntiyamugomwe

7) Emmanuel Adebayor(Togo), uwo nawe umurwi nserukira gihugu ntiwashoboye gutorwa

6) Cheik Diabate(Mali) nawe nyene yarakomeretse

5) Tresor Mputu(RD Congo), umumenyereza ntiyamugomwe

4) Vincent Enyeama(Nigeriya), umurwi nserukira gihugu ntiwagiye k rutonde kandi ariwo wari watwaye igikombe mu mwaka w’i 2013

3) Demba ba(Senegal) ntiyagomwe n’umumenyereza

2) Samuel Eto’0 Fils(Cameroun), uwo mukinyi yarakukurutse

1) Didier Drogba(Cote d’Ivoire), eka nawe nyene yarakukurutse.

Tubibutseko imirwi yo mw’itsinda B yaraye irangije inkino za kabiri, mu nkino zabaye ejo haheze, Tunisie yatsinze 2-1 Zambie, hanyuma Cap Vert nayo inganya na RD Congo 0-0.

Uno munsi kw’igenekerezo rya 23 Nzero hakina ibihugu bikurikira:

Isaha cumi na zibiri z’umugoroba(18h00)

- Ghana-Algerie

Isaha zitatu z’ijoro( 21h 00)

- Afrika y’Epfo- Senegal


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.