Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zashitse i Port-Louis : Amafoto y’urugendo
Intamba mu Rugamba zashitse i Port-Louis : Amafoto y’urugendo
mardi 24 Ntwarante 2015
Inyuma y’amsaaha atari make y’urugendo rwarimwo abakinyi b’intamba mu Rugamba baja mw’izinga rya Maurice, amakuru duhejeje kuronka n’uko abo bakinyi n’ababaherekeje bashitse impundu amarembe.

Amakuru atangwa n’umunyamakuru-mumenyereza Amidou Hassan, avuga ko inyuma y’urugendo rw’amasaha 24, bashitse ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru Port-Louis. Bavuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bahagaze ubwa mbere i Nairobi muri Kenya, bahamaze amasaha 5, i Doubai naho bahamara amasaha 6, n’ayandi masaha arenga 5 bagiye kugira bashike aho i Port-Louis mw’izinga rya Maurice igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine z’agatondo (9h40).

Amakuru atangwa na Amidou Hassan nyene amenyesha ko hari abakinyi b’Intamba mu Rugamba bashobora kutazoshika aho mw’izinga rya Maurice kubera ingorane z’impapuro z’inzira abandi kubera kubura impusha. Abo ni:
Abakinyi bose hamwe bashikiye hamwe ni 14 ,hakaba hari PAPY Faty hamwe NSABIYUMVA Frederick bari bashitse ku munsi wa mbere igenekerezo rya 23/3/2015.
Imyimenyerezo bakaba baza kuyikora igihe c’isaha 12 , ku masaha ya Port Louis , igisagara gikuru c’izinga rya Maurice .
Abakinyi batashoboye gushika ni : Rubya RUGAMANA ataronse uburenganzira bwo kurengana ikibuga c’i Amsterdam, Cedric Amissi nawe ntiyashoboye kuva muri Mozambique kugira ahamvye bagenzi we. Abandi nka Papy Faty na Nsabiyuma Frederic basanze bashitseyo ejo hahise kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante.
Photo : Amidou Hassan

























Cherif Nkeshimana
Messages
27 Ntwarante 2016, 12:01, par rashidie
Batsindanye Gute ?intamba na namibie
27 Ntwarante 2016, 12:03, par rashidie
Batsindanye Gute ?intamba na namibie
2 Mukakaro 2016, 19:44, par Richard
Batsindanyde Intamba Na Namibie
2 Munyonyo 2016, 21:36, par ELIYASI
ABAKINYI BINTAMBAMULUGAMBA BAZOSUBILA GUKINA LYALI
2 Munyonyo 2016, 21:37, par ELIYASI
ABAKINYI BINTAMBAMULUGAMBA BAZOSUBILA GUKINA LYALI