Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu Rugamba zashitse i Port-Louis : Amafoto y’urugendo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zashitse i Port-Louis : Amafoto y’urugendo

Intamba mu Rugamba zashitse i Port-Louis : Amafoto y’urugendo

mardi 24 Ntwarante 2015

Inyuma y’amsaaha atari make y’urugendo rwarimwo abakinyi b’intamba mu Rugamba baja mw’izinga rya Maurice, amakuru duhejeje kuronka n’uko abo bakinyi n’ababaherekeje bashitse impundu amarembe.

Amakuru atangwa n’umunyamakuru-mumenyereza Amidou Hassan, avuga ko inyuma y’urugendo rw’amasaha 24, bashitse ku kibuga c’indege co ku murwa mukuru Port-Louis. Bavuye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, bahagaze ubwa mbere i Nairobi muri Kenya, bahamaze amasaha 5, i Doubai naho bahamara amasaha 6, n’ayandi masaha arenga 5 bagiye kugira bashike aho i Port-Louis mw’izinga rya Maurice igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo ine z’agatondo (9h40).

Amakuru atangwa na Amidou Hassan nyene amenyesha ko hari abakinyi b’Intamba mu Rugamba bashobora kutazoshika aho mw’izinga rya Maurice kubera ingorane z’impapuro z’inzira abandi kubera kubura impusha. Abo ni:
Abakinyi bose hamwe bashikiye hamwe ni 14 ,hakaba hari PAPY Faty hamwe NSABIYUMVA Frederick bari bashitse ku munsi wa mbere igenekerezo rya 23/3/2015.
Imyimenyerezo bakaba baza kuyikora igihe c’isaha 12 , ku masaha ya Port Louis , igisagara gikuru c’izinga rya Maurice .
Abakinyi batashoboye gushika ni : Rubya RUGAMANA ataronse uburenganzira bwo kurengana ikibuga c’i Amsterdam, Cedric Amissi nawe ntiyashoboye kuva muri Mozambique kugira ahamvye bagenzi we. Abandi nka Papy Faty na Nsabiyuma Frederic basanze bashitseyo ejo hahise kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante.

Photo : Amidou Hassan

JPEG

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.