Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zatakaje ibibanza bitatu kw’isi n’ibibanza bine muri (...)
Intamba mu Rugamba zatakaje ibibanza bitatu kw’isi n’ibibanza bine muri Afrika
samedi 9 Nzero 2016
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba watakaje ibibanza bitatu ku rutonde rw’isi n’ibibanza bine ku mugabane wa Afrika mu mpera z’umwaka uheze wa 2015.
Mu rutonde rwasohowe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA kuwa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016, Uburundi bwavuye mu kibanza c’107 kw’isi buja mu kibanza c’110,mu gihe ku mugabane wa Afrika bwavuye mu kibanza ca 29 buja mu kibanza ca 33.
Ku rurwo rutonde,igihugu c’Ububirigi nico kiza mu kibanza ca mbere,Argentine mu kibanza ca kabiri, mu gihe igihugu ca Espagne kiza mu kibanza ca gatatu kw’isi.
Mu karere ka CECAFA igihugu c’Ubuganda nico kiza imbere mu kibanza ca 62 kw’isi kigakurikirwa n’igihugu c’Urwanda cungutse ibibanza 5,kiva mu kibanza ca 96 kija mu kibanza ca 91.
IGIHE
Messages
9 Nzero 2016, 13:22, par KWIZERA J BOSCO
ntibitangaj kuko uburundi bwari bumaze imisi buuyifatamwo nabi
10 Nzero 2016, 10:39, par Miburo Eric
Mbanje Kubaramutsa , Nagira Ndababaze Ko Uburundi Atazindi Nkino Mpuzamakungu Busigaje Gukina . Muce Mutubwira Numukinyi Yitwaye Neza Muri Primus Lugue . Murakoze !