Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu Rugamba zisubije agateka muri Namibie
Intamba mu Rugamba zisubije agateka muri Namibie
mardi 29 Ntwarante 2016, par
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba wiyambitse umutamana mu gutsinda umurwi wa Namibie ibitsindo bitatu kuri kuri kimwe mu rukino rw’ugusubiriza rwabaye kuri uwu wa kabiri. Mu rukino rwa mbere, Namibie yari yatsinze Uburundi ivyo bitsindo nyene i Bujumbura.
Fiston Abdul Razzak, umusatirizi w’Uburundi asanzwe akina mu gihugu ca Afrika y’epfo yinjije ibitsindo bibiri muri urwo rukino, akaba kandi ariwe nyene yari yatsinze igitsindo kimwe c’Uburundi mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Igitsindo ca mbere c’Uburundi cinjijwe na KWIZERA Pierrot umukinyi wo hagati mu kibuga.

Abakinyi b’Intamba mu Rugamba batanguye mu kibuga
1. NZOKIRA Jeff
2. NIZIGIYIMANA Kharim
3. NDUWARUGIRA Christophe batazira Lucio
4. NSHIMIRIMANA David
5. NSABIYUMVA Frederic
6. KWIZERA Pierrot
7. Amissi Cedric
8. Papy Faty
9. Abdul Razzak Fiston
10. NAHIMANA Shassir
11. NDIKUMANA Yamin Selemani
IGIHE
Messages
29 Ntwarante 2016, 23:04, par KUBWIMANA BERNARD
SHA,NTAWOHEBURA,AKATARAPFA,BAZABAMAZE,KUVUGA,AYAMUHE,EMAMA,NGUMUMENYEREZA,ABOGOZWE,BURYA,IBINTU BIGIRA,IGIHE,CAVYO.NIBAKOMERE,KUMAGURU,
29 Ntwarante 2016, 23:10, par muhuza
mana ndagukunda cane bandanya wiyerekana kurimana nyamana mugihugu cuburundi abakigwanya kibarushe guterimbere imyaka yose
29 Ntwarante 2016, 23:41, par Nshimirimana Kabila
Turishimye Cane Mugabo Murukino Rwambere Umumenyereza Niwe Yatumye Turutsindwa Mugabo Turamubabariye Niyitahire Bazane Uwushoboye Ataradusubira
30 Ntwarante 2016, 04:55, par Shemezimana
Mana Fasha Uburundi Nabwo Buje Muriyi CAN!!!
30 Ntwarante 2016, 05:18, par Mukristumurugendo
Ur’Uwera Mana Uruwera , Uruwera Mana Uruwera.
30 Ntwarante 2016, 07:01, par Niyindemesha Amos
Abarund Muradutey Itek Mutarakin Umutim Twawugendan Muntok! Bandany Muter Itek Uburund^
30 Ntwarante 2016, 07:05, par ADRIEN
IMANA NTAKIYINANIRA AHUUUU!
30 Ntwarante 2016, 07:17, par rwasa eric
oh Mana!jewe nama mvuga ko Imana ikunda igihugu cacu mugaharira dutwagwa numusenzi asengera igihugu raba umunonotsi wambere kwisi ari muburundi niyonsaba uburundi turashoboye ejo niheza
30 Ntwarante 2016, 07:53, par Frédéric
Mana ngaragariza ukwizera kwanje kurira ngo igihugu cacu kibandanye gitera imbere k’umupira wamaguru ese umunezero nararanye intamba m’urugamba komeza utere imbere turinyama yawe
30 Ntwarante 2016, 08:26, par Nsengiyunva Hassan
Nimukomeze Intsinzi Mwiheshe Agateka N’abarunditwese Komezamutsinde.
30 Ntwarante 2016, 08:54, par mutama2@gmail.com
Turakeje cane abo bakinyi baraye biyambitse umutama eka mbere bagahesha agaciro n’Igihugu cabibarutse.
Twashaka ariko kunegura ingene politike y’igihugu igomba kwizizira umupira w’amaguru mu Burundi, mwenewacu SAIDO NTIBAZONKIZA, tuziko aba ariko afashanya n’aba baraye bateturuye igihugu mukurondera intsinzi nyishi, yazize urwanko rwa politike kuko nta mupira w’amaguru yari kuziri.
Politike icanganye n’ivy’umupira w’amaguru biba vyanse: murazi ko president FFB ari umunye politike w’imbere mu gihugu cacu, niwe yamufatiye ingingo yo kumukura mumurwi nserukiragihugu.
Ababishoboye muramushikire ahagarike iyo ngingo kumbure vyofasha igihugu cose
MURANTUNGE
30 Ntwarante 2016, 09:47, par Pacifique Nigaba
yes! ndanezerew can gos kubon uburundi bwabikz
30 Ntwarante 2016, 12:50, par NIMPAYE Joachin
nukuri ndashimy cane Intamba murugugamba ivyo zararaye zidukoreye Imana ibahezagire.nukuri samedi twatashe dushavuye cane ariko ikosa ntiryari iryabo ryari irya koca niwe yadutsindishije.kubona nkabakinyi bakomeye batangura hanze vyari ibintu bitumvikana twibaze yuko rirya kosa yakoze ko atazorisubira.
30 Ntwarante 2016, 15:00, par Anicet <lapourgha> Hagabimana.
Fiston Je Ndamutaziye <gikomangoma C’umurwi>yaray Atwemej Abarundi Twese Ntako Twobivuga.Ariko Kuki Mavugo Ari Umukiny Atsinda Ibitego Vyishi Muburundi Ntakine Mumurwi Nserukira Gihugu?Intamba Murugamba Zagabanuye Amarira Yurukino Rwambere .
30 Ntwarante 2016, 15:36, par NZIMENYA ERENESTE.
JEKWERI NUMVA NEZEREWE NUKO NTOBONA IMANA AHIRI NOYITERURA NDASHAVYE ABOBAKINYI BIHE AMASHI KUKO NYENE NIZINA RIRA BARANGA NINTAMBA MURUGAMBA NUKURI NTAKO BATAGIZE ? NYAKUBAHWA UMUKURU WIGIHUGU CACU NABONA MUSHISHIKAYE WOSANGA HARICO . AZOBAHA KINEZERA UMUTIMA WANYU NAMWE MUKABANDANYA MUKUNDA URUKINORWANYU . NAHO MWARIMUMUMARAMAJE MUGIHUGU IWIWE HUMURA IMANAYARAVYASE ATINTI BISHOBOKA . NARUMUFANA .WANYU .MUSHISHIKARE .NATWE ABAFANA TUZOKOMEZA KUBASE NGERA . MUGA NA BAKIRE BAKUNDA URUKINO RWACU NABO BOGIZE ICOBA TERE REYE NABO KUKO ABOBAKINYI NABIWACU . NABO NDABASAVYE NKUKO ARABAVYEYI BAZE NABO BARABE ICO NABO BOTERERA URUKINO RUGUME RUGENDA NEZA UWO MUTOZANAWE AHINDURE TEKENIKE IVYABE REYE IBUJUMBURA NTI BIZE VYONGERE UWOMUKINYINAWE NUWO GUKOMERAMASHI NTAKO ATAGIZE YAREREKANYE ICO AKORERA HANZE AKWIWE AGASHIMWE NABOBAFASHANYIJE MUGUKINANA . KUKO KWERI NINTWARI MUMUPIRA WAMAGURU NAHO AZOTERA IMBERE GUTE NTAZE YIBAGIRE UBURUNDI BWAMYI BARUTSE NTAZOMERE NKASAYIDO BERAHINO .IMANA IBAJE IMBERE MURUKINO.MURAKOZE.
30 Ntwarante 2016, 15:54, par Manirakiza
Ndashimiye,abakinyi,bacu,bavyifashemwo,neza,ariko,koca,arakwiye,gusezererwa,umugwiwacu,urikwije,twama,tubura,itsinzi,kuber,koca,narabe,ahindure
31 Ntwarante 2016, 23:40, par Claud Sumbu.
Komez Muter’imber’intamb Murugamb Turabashigikiy Arik Hobayemw Said Ntibazonkiz Vyosumvy Reb Mugr’ikigongw Abafana Twaratuntuy.
1er Ndamukiza 2016, 11:12, par ELIAS
U BURUNDI TUZOCA DUHURA NANDE?
2 Ndamukiza 2016, 10:35, par Niyonkuru Claude Rasta
nukuri ntawutobishma kweli Imana Ibakomeze
4 Ndamukiza 2016, 12:10, par NZIZA Désiré
vraiment barisubijek agatek kubwanj vyararyohey can kuk narinz ko dutamir nk’atanu nukur barakoz pe nobah kenura.
4 Ndamukiza 2016, 13:58, par David KIGALI
Ariko uyumunyamakuru wanditse iyi nkuru ndamunenze si umuhanga kabisa, ntabwo utubwiye u Burundi ari ubwakangahe mu itsinda burimo, ntutubwiye amahirwe busigaranye ngo bube Qualified muri AFCON2017, Wigaye rwose
20 Ndamukiza 2016, 20:12, par Jean Berchmas
Turabakeje cane baze bagume gutyo
22 Ndamukiza 2016, 20:49, par Jerome
Ndashimiye Intamba Zaduteturuy
21 Munyonyo 2016, 20:39, par ERNEST
NDAZISHIMIYE