Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bazohura n’umurwi nserukiragihugu (...)
Abakinyi b’Intamba mu Rugamba bazohura n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda
vendredi 19 Kigarama 2014
Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu Rugamba waraye kuri uwu wa kane mu gihugu c’Urwanda, aho bitavye urukino rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda.

Intamba mu Rugamba zitavye urwo rukino rw’umurwi nserukiragihugu w’abakinyi bafise munsi y’imyaka 23. Bazokina urukino rwa kivandimwe na bagenzi babo bo mu Rwanda bafise imyaka nk’iyo. Urukino ruzoba aho bukera kuri uwu wa gatandatu, kw’igenekerezo rya 20 Kigarama ku kibuga c’i Nyamirambo mu Rwanda. Izo nkino ziri mu rukurikirane rw’inkino zo kurondera imirwi izoserukira Afrika mu nkino mpuzamakungu Olympique zizobera muri Bresil mu mwaka w’2016.
Urutonde rw’abakinyi b’Intamba mu Rugamba bari mu Rwanda :
Abanyezamu:
1. Mbonihankuye Innocent Madede : LLB
2. Arakaza Mc Arthur : Vitalo
Abakinyi b’inyuma
3. Issa Hakizimana : LLB
4. Niyonkuru Nassor : Athletico
5. Kiza Fataki : LLB
6. Rashid Léon : LLB
7. Nganda Omar : Muzinga
8. Duhayindavyi Gael : LLB
9. Nshimirimana David Shakuru : Vitalo
Abo hagati
10. Mubango Tresor : Athletico
11. Styves Nzigamasabo:Vital’o
12. Nininahazwe Fabrice Messi : LLB
13. Abbas Nshimirimana : Buja City
14. Mvuyekure Emmanuel Manu : LLB
15. Nduwarugira Christophe Lucio : Chibuto (Mozambique)
Abasatirizi
16. Laudit Mavugo : Vitalo
17. Fiston Abdul Razak : Sofapaka (Kenya)
18. Amissi Cedric : Chibuto (Mozambique)
Urutonde rw’abakinyi bo mu Rwanda bazokina n’umurwi nserukira gihugu w’Uburundi :
Abanyezamu:
1) Marcel Nzarora (Police),
2) Steven Ntalibi (Police)
3) Olivier Kwizera (APR)
Abakinyi b’inyuma:
1) Michel Rusheshangoga (APR),
2) Eric Rutanga (APR),
3) Emery Bayisenge (APR),
4) Ismael Nshutiyamagara (APR),
5) Fitina Ombelenga (Kiyovu),
6) Alipe Majyambere (Rayon),
7) Soter Kayumba (AS Kigali)
8) Janvier Mutijima (AS Kigali)
Abakinyi bo hagati
1) Jean Baptista Mugiraneza (APR),
2) Rashid Kalisa (Police),
3) Robert Ndatimana (Rayon),
4) Kevin Muhire (Isonga),
5) Patrick Sibomana (APR),
6) Savio Nshuti Dominque (Isonga),
7) Alphonse Zagabe (Mukura),
8) Jean Marie Muvandimwe (Gicumbi)
9) Justin Mico (AS Kigali)
Abasatirizi
1) Bertrand Iradukunda (APR),
2) Erneste Sugira (AS Kigali),
3) Danny Usengimana (Isonga),
4) Innocent Ndizeye (Amagaju)
5) Bienvenu Mugenzi (Marines)
Tubibutse ko uwo murwi w’Uburundi uherutse gutsinda umurwi wa Tanzaniya ibitsindo 2 kuri 1 mu rukino rwa kivandimwe rwabereye i Dar-es Salama kw’igenekerezo rya 09 Kigarama 2014.
Cherif Nkeshimana
Messages
19 Kigarama 2014, 15:48, par Gihogazi
INTAMBA MURUGAMBA KUMWE MWAMYE MUTERA ITEKA IGIHUGU CABIBARUTSE N;UBUNYENE MURONGERE IBITSINDO MWIGORI RY;ABANYARWANDA AGATEKA AHO KAMYEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEEE
20 Kigarama 2014, 11:58, par eric
turikumwe kandi turabakunda
reka mukanya ahubwo nitegure nje kuwuraba ariko ndabona imvura ihava ibitoba
11 Munyonyo 2015, 11:36, par bavakure elvis yan
intmba murugamba fise akabazo : abakinyi bo muntamba bageze hanze baca batangura kwishima nico gituma babastinda ; mugabo ico ndababwiye ni gukorana inguvu mureke gukinana amafyeri meshi