IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > INTAMBA MU RUGAMBA ziteguriye kwakira RDC

INTAMBA MU RUGAMBA ziteguriye kwakira RDC

mercredi 14 Gitugutu 2015, par egide

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru wasezereye abakinyi b’umurwi wa Seychelles, mu nkino z’ugukurakuranamwo, zitegura imirwi izoja mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu mwaka w’2018. Uburundi bwiteguriye kuzoca bwakira umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC).

Mu rukino rw’ugusubiriza rwahuje umurwi w’Uburundi n’uwa Seychelles kuri uwu wa kabiri, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Uburundi bwatahukanye intsinzi y’ibitsindo bibiri, ku busa bwa Seychelles, abakinyi b’Uburundi baba baronse amahirwe y’ukubandanya ihiganwa.

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi Abdul-Razak Fiston, asanzwe akinira umurwi wa Mamelody Sundowns wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Ico gitsindo ca Penallty yacinjije ku munota wa 72 mu gice ca kabiri c’urukino, kw’ikosa ryari rikorewe Abassi Nshimirimana, umukinyi yari amaze umwanya muto agomboye, agashirwa mu kibanza carimwo Tambwe Amissi.

N’aho ikibuga cari kitameze neza kubera imvura nyinshi yaguye mu gice ca kabiri, igatuma urukino ruhagarikwa nk’iminota mirongo itatu, abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA bagarutse mu kibuga babandanije kuvyifatamwo neza, babandanya gusatira izamu rya Seychelles, ku mipira myiza yariko iva hagati mu kibuga.

Ku munota wa 76, ahawe umupira mwiza cane na PAPY FATY, umukinyi wo hagati asanzwe akinira umurwi wa Bidvest University wo muri Afrika y’Epfo, Abdul-Razak Fiston yinjije igitsindo kigira kabiri c’INTAMBA MU RUGAMBA, urukino ruca ruhera ari bibiri ku busa bwa Seychelles, aho tukabibutsa ko no mu rukino rwa mbere uwo mukinyi nyene Abdul-Razak Fiston ariwe yinjije igitsindo cahaye intsinzi Uburundi ku busa bwa Seychelles.

JPEG - 99.7 ko
Abdul Razak Fiston

Uburundi buzoca buhura n’umurwi nserukiragihugu wa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (RDC), akaba azoba ari kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo 2015, mu rukino rwa mbere ruzobera i Bujumbura.

Abakinyi b’INTAMBA MU RUGAMBA batanguye mu kibuga

Mw’izamu : Arakaza Mac Arthur

Abakinyi b’inyuma : Nsabiyumva Frederick, Nshimirimana David (yasubirijwe na Hakizimana Issa ku munota wa 79), Nizigiyimana Karim, Kiza Fataki

Abakinyi bo hagati : Ndikumana Y. Selemani (yasubirijwe na Nahimana Shassir ku munota wa 15), Kwizera Pierre, Papy Faty, Ndayisenga Fuadi

Abasatirizi : Abdul-Razak Fiston, Tambwe Amissi (yasubirijwe na Nshimirimana Abassi ku munota wa 66).


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.