Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yatwaye umupira w’inzahabu 2014, Messi yarushijwe
Cristiano Ronaldo yatwaye umupira w’inzahabu 2014, Messi yarushijwe
mardi 13 Nzero 2015
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) ryaraye ritanze agashimwe k’umukinyi wa mbere yitwaye neza mu mwaka w’2014. Cristiano Ronaldo yaraye yisubirije.

Cristiano Ronaldo Dos Santos Aveiro batazira CR7 canke El Comandante yavukiye mw’izinga Madere ahitwa Funchal muri Portugal, akaba afise imyaka 29. Yaraye asubiriye gutwara umupira w’inzahabu ubugira gatatu.
Mu birori vyariko bibera i Zurich mu gihugu ca Suisse, ahasanzwe hari icicaro ca FIFA, CR7 akina mu murwi wa Real Madrid muri Espagne yahawe ubwa gatatu umupira w’inzahabu inyuma y’iyo yari yararonse mu myaka y’2008, 2013 na 2014. CR7 anganije n’ibihangange muri kahise nka Johan Cruyff (1971, 1973, 1974), Michel Platini (1983, 1984, 1985) na Marco Van Basten (1988, 1989, 1992).

Ahejeje gushikirizwa umupira w’inzahabu, CR7 yagize ati : "Sinari niteze gutwara uwo mupira ku ncuro ya gatatu, ariko mpaka nshikire Messi, hanyuma Imana ibishatse nitwe umukinyi wa mbere kw’isi". Aho avuga Lionel Messi muri Argentine akinira umurwi FC Barcelone n’uko amaze gutwara imipira y’inzahabu ine yikurikiranya (2009, 2010, 2011, 2012. Mu manota yatanzwe n’abakuru b’imirwi (capitaines), abamenyeshamakuru, hamwe n’abamenyereza, Emmanuel Neuer umunyezamu wa Bayern de Munich yaronse 15,72 kw’ijana, Lionel Messi 15,76 kw’ijana, na CR7 37,66 kw’ijana.
Kuki CR7 yari afise amahigwe yo gutwara uwo mupira w’inzahabu?
Amahigwe yari menshi kuri iyi ncuro ya gatatu kuri CR7 kuko umurwi wa Real Madrid akinamwo niwo watwaye igikombe ca Ligue des Champions, igikombe ca Espagne, igikombe c’isi c’imirwi (Mondial des clubs), na Supercoupe d’Europe. Muri izo nkino CR7 yinjije ibitsindo 61 mu nkino 60 naho umurwi nserukira gihugu wa Espagne wasezeye kare inkino z’igikombe c’isi.
Mbega Messi yabujijwe n’iki gutwara umupira w’inzahabu wa gatanu?
Lionel Messi yari afise amahigwe make kuko umwaka w’2014, nta kintu kiboneka we canke umurwi wa FC Barcelone werekanye. Ego Lionel Messi yarashimiwe mu gikombe c’isi nk’umukinyi wa mbere ariko benshi ntibashimye igikombe yahawe. Emmanuel Neuer nawe nyene aremera ko atari gushobora guca iruhande ya CR7 na Messi naho yabaye umunyezamu mwiza w’umwaka n’igihugu ciwe.
Mwomenya ko umunyezamu wa mbere amaze gutwara umupira w’inzahabu ari Lev Yachine, hari mu mwaka w’1963.







Ingene Cristiano Roanaldo yigenza mu kibuga
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Ruhuhuma 2017, 18:18, par morisi
NISAWARONARUDO DAMWEMERA
5 Myandagaro 2017, 05:13, par Fabrice Munezero
ndabacane Kubona Messi Atatwaye Igikombe C,inzahabu Kandi Atakosa Yagizw