IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > James Rodriguez abarizwa muri Real Madrid

James Rodriguez abarizwa muri Real Madrid

jeudi 24 Mukakaro 2014

Umurwi w’umupira w’amaguru wo muri Espagne, Real Madrid waguze umwe mu bakinyi ba mbere bakomeye kandi bigenjeje neza mu nkino za nyuma z’igikombe c’isi yose caheruka kubera mu gihugu ca Bresil. James Rodriguez akinira umurwi nserukiragihugu wa Colombiya agiye kubarizwa mu murwi wa Real Madrid.

James Rodriguez yahora akinira umurwi wa AS Monaco wo mu gihugu c’Ubufaransa, akaba yaguzwe na Real Madrid, ku kiguzi kitaramenyekana. James Rodriguez niwe mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi mu nkino za nyuma z’igikombe c’isi yose zabereye muri Brezil.

N’aho ikiguzi ca James Rodriguez kitaramenyekana, mw’itangazo umurwi wa AS Monaco wasohoye, wamenyesheje ko ivyo Real Madrid yagiriye AS Monaco ari amwe mu masezerano akomeye abaye mu mupira w’amaguru.

Mu kurindira kumenya ico kiguzi, hari amakuru avuga ko James Rodriguez agiye kuba umukinyi wa kane azimvye kw’isi yose, inyuma ya Gareth Bale, Cristiano Ronaldo na Luis Suarez.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.