Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Joao Havelange yigeze kuba umuyobora FIFA yapfuye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Joao Havelange yigeze kuba umuyobora FIFA yapfuye

Joao Havelange yigeze kuba umuyobora FIFA yapfuye

mardi 16 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Joao Havelange yigeze kuba umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) mu kiringo c’imyaka 24, yapfuye ahitanwe n’indwara y’imahaha, inyuma y’ukwezi kumwe arwariye mu bitaro vya Samaritan biri mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Joao Havelange yitavye Imana ku myaka ijana, akaba yayoboye FIFA kuva mu mwaka w’1974 gushika mu 1998. Yavukiye muri Brezil mu mwaka w’1916, akaba yarigeze guserukira igihugu ciwe mu mahiganwa y’ukwoga, mu nkino za "Jeux Olypmiques" zabaye mu mwaka w’1936.

JPEG - 49.6 ko
Joao Havelange yitavye Imana ku myaka ijana y’amavuka

Ikibanza c’ukuyobora FIFA, Joao Havelange yakivuyemwo asubiriwe na Sepp Blatter mu mwaka w’1998.

Joao Havelange niwe mukuru wa FIFA wa mbere yayoboye iryo shirahamwe gihe kirekire, inyuma y’Umufaransa Jules Rimet yatwaye iryo shirahamwe imyaka 33, kuva 1921 gushika mu 1954.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.