Accueil > Inkino > FOOTBALL > Joao Havelange yigeze kuba umuyobora FIFA yapfuye
Joao Havelange yigeze kuba umuyobora FIFA yapfuye
mardi 16 Myandagaro 2016, par
Joao Havelange yigeze kuba umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi (FIFA) mu kiringo c’imyaka 24, yapfuye ahitanwe n’indwara y’imahaha, inyuma y’ukwezi kumwe arwariye mu bitaro vya Samaritan biri mu gisagara ca Rio de Janeiro.
Joao Havelange yitavye Imana ku myaka ijana, akaba yayoboye FIFA kuva mu mwaka w’1974 gushika mu 1998. Yavukiye muri Brezil mu mwaka w’1916, akaba yarigeze guserukira igihugu ciwe mu mahiganwa y’ukwoga, mu nkino za "Jeux Olypmiques" zabaye mu mwaka w’1936.
- Joao Havelange yitavye Imana ku myaka ijana y’amavuka
Ikibanza c’ukuyobora FIFA, Joao Havelange yakivuyemwo asubiriwe na Sepp Blatter mu mwaka w’1998.
Joao Havelange niwe mukuru wa FIFA wa mbere yayoboye iryo shirahamwe gihe kirekire, inyuma y’Umufaransa Jules Rimet yatwaye iryo shirahamwe imyaka 33, kuva 1921 gushika mu 1954.
IGIHE