Accueil > Imibano > Kanyosha : Uruyoya rukivuka barutaye babanje kuruniga
Kanyosha : Uruyoya rukivuka barutaye babanje kuruniga
mercredi 27 Myandagaro 2014
Abana batoragura mu mayarara nibo batekuruye akamwanya kari kashizwe ku rugo ruri muri Musama ya gatanu muri komine Kanyosha, basanga ntiharimwo ivyo bari bamenyereye gusangamwo. Uruyoya rwapfuye rubanje kunigwa nirwo rwari rutekewe muri ako kamwanya, bikaboneka ko rwanizwe ariho rukivuka.
Muri komine ya Kanyosha, karitiye Musama, ku rugo ruri ku nimero zitatu, akamwanya kugaye neza karimwo uruyoya rw’umwana kari kateretswe mu muvo utwara amazi y’imvura. Abanyagihugu bo muri iyo karatiye bavuga ko bavyutse basanga urwo ruhinja bamaze kuruhashira, bakamenyesha ko babibwiwe n’abana batora iyarara batekuriye batazi ikirimwo. Aho twahashika nk’igihe c’isaha zitatu, urwo ruyoya rw’umwana w’umuhungu rwari rukiri aho muri uwo muvo, rutekewe mu kamwanya n’igunira, urusazi arirwo ruduma, kuko rwari rukikujwe n’amaraso, bakaba kandi barutaye ata n’impuzu rwambaye.
Turwitegereje neza, rwari rumeze nk’urwatawe ariho rukivuka, bikaboneka kandi ko uwaruvyaye yarutaye abanje kuruniga, kuko rwavuye amaraso mu mazuru. Gushika nk’igihe c’isaha zitanu z’umurango, ikiziga c’urwo ruyoya cari kikiri aho catawe, abavyeyi bahegereye bakaba bari batanguye kugisengera, bongera bamusukako amazi ahezagiye, mu nyuma baca basubira gutekera uko uwamutaye yari yamusize, mu kurindira ko abajejwe intwaro muri komine Kanyosha bafata ingingo yo gushingurana iteka urwo ruhinja rwatawe rumaze umwanya muto cane ruvutse.
- Abavyeyi bariko baramusengera, bamusukako amazi ahezagiye
Umukuru wa karatiye Musama ya 5 yishikiye aho hari ico kiziga, amenyesha ko agiye gusaba musitanteri ko komine yohambisha uwo mwana. Twagerageje kurondera Abdou Bampoye, musitanteri wa komine Kanyosha, ariko ntitwashoboye kumuronka.
Egide Nduwimana
Messages
27 Myandagaro 2014, 13:24, par avite
Ariko nikuki uyo mumenja yaretse inda igakura kandi aziko atazomutunga?nahirwe ahanwe bimwe vyakarorero.kuko ahari ababanyi biwe aho baramuzi.ntibahishire umumenja nkuyo!
27 Myandagaro 2014, 18:12, par Jacky
uyo mwana wewe ntambabaje kuko murundi yavutse avuye kuwamuremye akaba kandi yisubiriye murundi kuwamuremye atawatutse atanakabi abonetse ko( akamalaika). Niyigire murundi wewe yikiriye iyisi yimivumo. uwumbabaje nuwo muniganyi hamwe atoshengezwa ngo bibere abandi baniganyi isomo. nkaba mboneyeho akaryo ko gusaba inyamiramabi kumu rondera ubutamubura imushikirize ubutungane maze akubitwe inkoni mugahanga
28 Myandagaro 2014, 11:26, par maxime
Ndazi koko dufise reta nigiporisi twese twemera kobiri muvyambere. Bikora. Neza amatohoza akorwe vuba uyo mwicanyi afatwe vyihuse ku naho yoba yamukuye myindi komine akaza. Kumuta oho ndumva kumucakira bitagoye nagato kubwanje igihano. Cokwicwa cakuwe hataragera umuntu yubaka kuniga uruyoya aheje kwibaruka yarakwiye kwicwa aturiwe canke atewe amabuye. Ndababaye cane numutima urikunrya nuwayimuteyye afatwe kuko kugira umukobwa agere aho afata. Ingingo mbi nkiyo keshi biba vyuvuye kuwayimuteye yamwihakanye