IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Ku bizera Imana Sida irashobora gukira

Ku bizera Imana Sida irashobora gukira

lundi 28 Nzero 2013

Iyi ni intahe yashinzwe n’ uwahoze arwaye umugera wa SIDA avuga ko Imana yamukijije neza naho bamwe bavuga ko bidashoboka . Nk’uko abivuga “ Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.” Ati :

Nitwa Christian C. NZINO navukiye m’u Burundi niho nize ni naho nahereje amashure nari nkijijwe ariko bimwe vyo kwinjira no gusohoka ata mutima mbishizeko cane, nari mfise umukobwa twakundana yaba i Kinshasa.

Hageze igihe nja muri afrika y’Epfo guca maitrise. Igihe kimwe ndi mu cumba naguye bukumbi ndata ubwenge nja kubutora nisanga banjanye kwa muganga. Umuganga arampima asanga ntakindi ngwaye atari igituntu conyene aca arampa imiti.

Nari mfise mushikanje aba Johannesburg nanje naba captown, ndamumenyesheje ko ngwaye antumako nca nja kumuraba nashitse kukibuga c’indege ndemvye cane, ubwo nyene baca banjana mubitaro umuganga yongera kumpima hanyuma yaho ndataha kurindira inyishu z’ibipimo.

JPEG - 111.5 ko

Inyuma y’indwi imwe ndagaruka nshitse mu biro vya muganga numva atanguye kumpa impanuro ati Christian urabona si wewe wa mbere bishikiye wihangane kandi wirinde… nanje nti ni ibiki ga muganga ko ntagutahura neza tomora ugomvye kuvuga iki? Niho yamenyesha ko nanduye umugera wa SIDA.

Ubwo ntangura kwiyumvira ubuzima bwanje ingene bugiye guhera, niyumvira amashure nize ingene apfuye ubusa, niyumvira umuvyeyi wanje nsize ,ndarira ndahogoza. Niho nahamagara mushikanje ndamubwira iyo nkuru nti mfise compte aha n’aha n’ibintu aha n’aha, uragenda ukure amafaranga yose kuri compte ugurishe ivyo mfise vyose ubirungikire maman nico conyene nomuraga nayo jewe ndapfuye singikira.

Mu nyuma nararwaye ndasinzikara mva kubiro 79 nja kubiro 39 nca mfata umwanya ndasenga murazi namwe uwuri muvyago ntakindi yokora. Ndavye kuri mail nsanga wa mu fiancée wanje ari i Kinshasa yanyandikiye ambwira ati: “ Christian sinkiri uwawe sinkigukunda ivyawe nanje uvyibagire gose…” Maze gusoma ivyo numva noneho umubabaro urandenze amarira narize asumba ayumwana mutoyi.

Nca ndasenga mbwira Imana nti:« Mana kuki waretse ibi bintu bikambako?» Niho numva ijwi rimbwira riti:« Christian urizwa n’iki uriko urizwa n’uko uwo mukobwa yaguhevye kandi ariwe yakwanduje? » Basi mbona gutekana. Mu nyuma banzaniye inkuru y’uko papa yapfuye ndarira cane ariko icandiza si uko numvise papa apfuye, ariko ni uko nibutse ko naje ngiye gupfa.

Igihe kimwe ndiko ndasenga mu cumba narimwo mbona umuntu aje yambaye impuzu zera ambwira ivyo nakoze vyose yongera ati :« Izo ndwara ni jewe natumye zikubako rero ngiye kugukiza kugira ngo uzobwire abantu ko jewe nkiza n’ivyo abaganga badashobora kandi ugendere m’ukwera wirinde icaha.

Haheze amezi atatu nasubiye kwipimisha nsanga igituntu cakize abaganga birabatangaza mbonye ko nakize igituntu nca nongerwa intege numva ngize ukwizera mbandanya nsenga. Niho igihe kimwe ndyamye nagiye mbona ima ry’amaraso rikorokeye kugitabu cari iruhande yanje hanyuma ijwi rimbwira gushirako ikiganza canje ndagishizeko numva ku ntoki umengo ni umuntu ariko yugara imisumari n’ama vis kuburyo hanakomeretse.

Niho numva ijwi rimbwira riti:« Kuva uyu munsi urakize.» Nca ndavyizera. Ngiye kwa wa muganga ndamubwira nti muganga nakize nawe ati:« Christian we urakomeye neza warabonye umuntu akira SIDA?» Niho yampima ibipimo vyihuta agasanga nakize asohotse anzaniye inyishu yari yumiwe nanje maze kumenya ko nakize numva ndanezerewe cane.

Nabandanije nipimisha ku bitaro bitandukanye kugira ndabe koko ko nakize gushika ibihetangabo 14 hose batora negative kuvyo ukuri jewe nta muhamagaro wo kuvuga ubutumwa nari mfise kuva ubwo naciye mba umuvugabutumwa nza ndashinga intahe y’ivyo Yesu yankoreye nerekana ko ataco adashoboye.

Jewe ubwanje ndi intahe yigendera.”


Slyvere Bavumuragiye

Messages

  • Imana ishimwe nukuri, ysu ntakintu nakimwe kimunanira ariko umuntu ukiza ivyaha niki camunanira nukuri mumwizere kuko ni vyose k’umufise,aratanga amahoro,aratanga umunezero,hejuru yivyo vyose aratanga agakiza, kandi iyo ufise agakiza uba ufise vyose muri we turafise vyose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.