Accueil > Inkino > FOOTBALL > Kuki Ribery afise ibikovu mu maso? Kuki Juan Cuadrado arangamiza hejuru (...)
Kuki Ribery afise ibikovu mu maso? Kuki Juan Cuadrado arangamiza hejuru amanitse amaboko iyo yinjije?
mercredi 11 Ruhuhuma 2015
Hari ibihangange vy’abakinyi bizwi kw’isi yose ariko bafise ibintu bagira bidatahuritse igituma, hari n’abafise inkovu benshi bakibaza icatumye ziba. Kuki umukinyi Franck Ribery afise ibikovu vyinshi mu maso? Kuki umukinyi Juan Cuadrado akunda kuramvura amaboko araba hejuru iyo ahejeje kwinjiza?

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru 7sur7.be avuga ibi bikurikira kuri abo bakinyi babiri:
Franck Ribery
Umukinyi Franck Ribery avuka mu gihugu c’Ubufaransa ahitwa Boulogne-sur-Mer i Pas-de-Calais. Uwo mukinyi yarahatswe gupfa igihe yari afise imyaka 2. Mu gihe bariko bajana na se wiwe Francois Ribery mu muduga, se wiwe yahatswe kugonga umuntu ariko aca aramukwepera, ariko imodoka barimwo iraduga cane hejuru hama Ribery aca mu kiyo arakoroka. Niho havuye zirya nkovu mubona mu maso. Ribery akina mu murwi wa Bayern de Munich mu Budagi.

Juan Cuadrado
Juan Cuadrado akina muri Chelsea avuka muri Colombiya, neza na neza ahitwa Necoclí. Afise imyaka 4, hateye ibisuma muri ico gisagara ca Necoclí, barasa igihema cose. Yaragerageje arinyegeza munsi y’igitanda, ariko mu nyuma yumvise se wiwe Guillerme bahejeje kumwica.
Juan Cuadrado avuye munsi y’igitanda asanga se wiwe ari ikiziga, yaravye hejuru agaranzura amaboko yambaza Imana asa n’uwiyisaba ko se yogaruka yomwakiriza amaboko yuguruguye, kuko yaragiye akimukunda.
Cherif Nkeshimana
Messages
12 Ruhuhuma 2015, 20:20, par mugisha
thats is not true yes kuri ribbery twovyemera ariko kuri cuadrado sico kuko ico kimenyetso gikoreshwa nibihangange vyinshi kwisi harimwo nabasenga shetani aribo elluminaties ahubwo nimumusuzume neza ivyiwe muzomenya ukuri.