IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Laudit MAVUGO yashitse atsindira umurwi mushasha wamuguze

Laudit MAVUGO yashitse atsindira umurwi mushasha wamuguze

mardi 9 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Laudit MAVUGO, umusatirizi yahora akinira umurwi wa Vital’O wo mu Burundi, akaba aheruka gutera umukono ku masezerano y’ugukinira umurwi wa SIMBA FC wo mu gihugu ca Tanzania, yeretse abakunzi biwe hamwe n’abamuguze muri uwo murwi ko yaje yiteguye. Mu rukino rwa mbere yakiniye uwo murwi wa Simba FC, yinjije igitsindo ciwe ca mbere.

Inyuma y’ukuva kugeragezwa mu gihugu c’ubufaransa mu murwi wo mu cicaro ca mbere, Laudit MAVUGO yateye umukono ku masezerano y’ugukina muri Tanzania, mu murwi wa SIMBA FC wo mu cicaro ca mbere, akaba yahawe inomero icenda, nk’izo yahora yambara mu murwi wa Vital’O, aho yamaze imyaka ibiri yose ariwe ari kw’isonga ry’abakinyi binjije ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya PRIMUS LEAGUE.

Mu rukino rwa kivandimwe rwabaye kuri uwu wa mbere muri Tanzania, mu ntumbero y’ukwerekana abakinyi bashasha umurwi wa SIMBA FC waguze, Laudit MAVUGO yanjije igitsindo kimwe umurwi wa FC Leopards wo muri Kenya, igitsindo cinjiye ku munota wa 83 w’urukino.

Urwo rukino rwaheze ari intsinzi y’ibitsindo bine vy’umurwi wa Simba FC, ku busa bwa FC Leopards wo muri Kenya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.