Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi ba Laurent Blanc bamuhezeko mu gihe gikomeye c’inkino
Abakinyi ba Laurent Blanc bamuhezeko mu gihe gikomeye c’inkino
mercredi 8 Ndamukiza 2015
Umurwi wa Paris-Saint Germain ugiye kugira ingorane z’abakinyi kandi igihe nyaco co kubakenera kigeze. Inyuma ya Marco Veratti na zlatan Ibrahimovic, David Luiz na Thiago Motta baraye bakomeretse, bituma bazomara iminsi badakina.

David Luiz na Thiago Motta bakomeretse bompi kw’itako ry’ukuguru kw’i bubamfu. Hari mu rukino rwo ku munsi w’Imana rwahuje Paris-Saint Germain na Olympique de Marseille ku kibuga ca Olympique de Marseille. Ico gihe PSG yatsinze 3 kuri 2 vya Olympique.
Abo bakinyi babiri, David Luiz na Thiago Motta bagiye gutera ubukene bw’abakinyi umumenyereza Laurent Blanc muri iyi minsi iza. Mu minsi 10 iri imbere, PSG ifise inkino nyinshi. Kuri iri genekerezo rya 08 Ndamukiza mu nkino z’igikombe c’Ubufaransa, uwo murwi ukina na Saint-Etienne ku kibuga ca Parc des Princes, urafise kandi n’urukino uzokina na Bastia mu gikombe c’ihiganwa ry’Ubufaransa, hazoba ari kuwa gatandatu w’igenekerezo rya 11, hamwe n’urukino rukomeye cane uzokina na FC Barcelone kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza.

Ivyo biri uko mu gihe, umukinyi David Luiz azomara amezi 4 adahonyoje ibirenge mu kibuga, Marco Veratti nawe azomara iminsi 10 adakina, eka na Zlatan Ibrahimovic ntazokina mu rukino rukomeye rw’umumenyereza Laurent Blanc.

Uwo mumenyereza wa PSG agira ati : "Ibikomere birimwo mu nkino, turabikinana ariko ni kugumana umunoho wo gutsinda urukino rwose tuziga gukina."

Cherif Nkeshimana
Messages
11 Ndamukiza 2015, 21:28, par Minani evariste
Umutoza wa psg niyihangane kandi nabo bakinyi bizere imana bazokira,ariko fc barcelona nubwo bose bobaye bahari ntayo botsinze.
13 Ndamukiza 2015, 06:39, par nitwa jhon ndi kuruyenzi
ntakibazo gikomeye psg izagira pe