Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia Ludic yasezeye ihiganwa naho yari yavyifashemwo neza
Lydia Ludic yasezeye ihiganwa naho yari yavyifashemwo neza
dimanche 2 Ruheshi 2013
Urukino rw’ umupira w’amaguru ruhejeje guhuza umurwi wo mu Burundi Lydia Ludic Academic n’umurwi wo mu gihugu ca Mali Stade Malien rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko Rwagasore rwarangiye ku ntsinzi y’umurwi Stade Malien y’igitsindo kimwe ku busa bwa Lydia Ludic Academic.
- Umurwi Stade Malien wo mu gihugu ca Mali
Urukino rw’uno musi rero, abakinyi bose basa n’uko bari barwiteguriye kubera vyaboneka ko bose bafise ishaka. Ariko abakinyi b’umurwi wo mu gihugu ca Mali baboneka ko basumvya inguvu abakinyi ba Lydia Ludic. Nko ku munota wa 28 w’igice ca mbere niho umukinyi w’igihugu ca Mali yinjiza igitsindo ahawe umupira na mugenzi we.
Abakinyi b’umurwi wa Lydia Ludic bagerageje kugombora ariko biranka igice ca mbere kirangira ku gitsindo kimwe ca Stade Malien yo mu gihugu ca Mali ku busa bw’umurwi Lydia Ludic Academic

Igice ca kabiri cagiye gutangura biboneka ko bafise umwete ariko ntacashoboye kuvamwo kubera ko urukino rwahavuye rurangira ku gitsindo kimwe ca Mali ku busa bw’umurwi Lydia Ludic n’ukuvuga ibitsindo 6 vyose hamwe ku busa bw ‘umurwi Lydia Ludic, kuko mu rukino rwatanguye mu gisagara ca Bamako umurwi Stade Malien wari watekereye umurwi Lydia Ludic ibitsindo bitanu vyose ku busa.
Tugerageje kumenya ikibazo uwo murwi Ludia Ludic wagize, umumenyereza wawo Michel Tuhabonye yatumenyesheje ko abakinyi ba Mali babarushije ubuhinga, ko bamaze gukina bagashika kure n’abakinyi bamenyereye amahiganwa atandukanye kandi akomakomeye. Ikindi kandi hari abakinyi b’umurwi Lydia ludic batatu basanzwe bari mu bihano batari gushobora gukina ariko akaba ashimira abakinyi babasubiriye kubera bashoboye kuvyifatamwo neza naho batashitse ku ntsinzi.
- Michel Tuhabonye, umumenyereza wa Lydia Ludic Academic Burundi
Prosper Ndayikeza