Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ubutariyano : Mario Gomez mu murwi wa Fiorentina
Ubutariyano : Mario Gomez mu murwi wa Fiorentina
mardi 9 Mukakaro 2013
Umurwi wa Bayern Munich watangaje kuri uyu wa mbere igenda ry’umukinyi w’umudagi Mario Gomez mu murwi wo mu Butariyano Fiorentina.
Abarongozi biyo mirwi yose uko ari ibiri, bagize ico bavuganye ku masezerano yo guhana uwo mukinyi w’imyaka 27 y’amavuko, ubu yarasigaye ari umusubirizi mu kiringo kirangiye. Amasezerano gushika 2017 azoterwako igikumu mu ndwi imwe canke zibiri ziza nk’uko vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe itumatumanako ry’amakuru mu murwi Bayern, Markus Hörwick.

Kubw’amakuru dukesha ikinyamakuru c’inkino co mu Butariyano Gazzetta dello Sport, yaguzwe amafaranga angana n’imiriyoni 15 z’amafaranga y’abanyaburaya. Mario Gomez rero muri iki gihe ari mu murwi watsinze amahiganwa ya Champions y’umwaka w’2013. Bayern izotora igenekerezo hamwe nawe ryo ku murungika ku munsi wa mbere inyuma y’umutaga.
Mario Gomez yari yateye umukono ku masezerano n’umurwi wa Bayern gushika mu mwaka w’2016 inyuma yo kuwushikamwo mu mwaka w’2009 avuye mu murwi witwa Stuttgart ku mafaranga angana n’imiriyoni 35 z’amafaranga y’amanyaburaya.
Inyuma yo kubarwa mw’ivi muri Myandagaro mu mwaka uheze, yarashoboye gutsinda ibitsindo bigera kw’19 mu mahiganwa yose yakinye mu mwaka w’2012/2013.

Prosper Ndayikeza