Urukino rw’ugusubiriza hagati y’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi INTAMBA MU RUGAMBA hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’amazinga ya Seychelles rutegekanijwe i Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015. Abakunzi b’umupira w’amaguru basabwe gusidukana n’iyonka.
Amakuru dukura mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi amenyesha ko urukino rwugusubiriza ruzobera i Bujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, akazoba ari ku munsi w’akaruhuko, kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015, umunsi abarundi bibuka igandagurwa ry’umuganwa Rudoviko RWAGASORE yarondeye intahe y’ukwikukira.
Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bahamagarira abakunzi b’umupira w’amaguru hamwe n’abakunzi b’INTAMBA MU RUGAMBA ko boza ari benshi gushigikira umurwi w’Uburundi usanzwe waratsinze mu rukino rwa mbere rwabereye mu mazinga ya Seychelles.
Muri urwo rukino rwa mbere, igitsindo c’Uburundi cinjiye ku munota wa 15 w’igice ca mbere c’urukino, umukinyi Abdoul Razak Fiston, umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu Rugamba akaba ariwe yinjije ico gitsindo cahaye intsinzi umurwi w’Uburundi.
Mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru bakaba bataramenyesha igiciro itike y’ukwinjira izoba igurwa, tukaba tuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.
Tuzotsinda 2-0 None Mudushirirj Kuri Television?