IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi izokina igice ca kabiri c’inkino za CECAFA KAGAME Cup (...)

Imirwi izokina igice ca kabiri c’inkino za CECAFA KAGAME Cup 2014

jeudi 21 Myandagaro 2014

Igice ca kane c’amahiganwa y’inkino za CECAFA caraye kirangiye, imirwi nserukira bihugu izobandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’amahiganwa yamaze kumenyekana.

JPEG - 74.2 ko
Abakinyi ba El Merreikh bigina intsinzi

Inyuma y’inkino zahuje umurwi wa El Merreikh wo muri Sudani na Azam FC wo muri Tanzaniya, El Merreikh watsinze Azam ku ma "penalty" 4-3, uca uronka uburenganzira bwo kuzokina mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Urundi rukino rwahuje KCCA wo muri Ouganda yakinye na Atlabara yo muri Sudani y’epfo. Umurwi waserukiye Sudani y’epfo watsinzwe 3 -1 uca usezera amahiganwa.

Imirwi nserukira bihugu izobandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yamenyekanye ni El Merreikh izokina na KCCA, na APR na POLICE FC yo mu Rwanda, izo nkino zizoba aho bukera ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 22 Myandagaro.

Mwokwibuka ko imirwi yo mu Burundi, ariyo Vital’o na Atletico Olympic yaserukiye Uburundi muri izo nkino yamaze gusezera amahiganwa.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.