IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Michel Platini yamenyesheje ko azokwitoza kurongora FIFA

Michel Platini yamenyesheje ko azokwitoza kurongora FIFA

jeudi 30 Mukakaro 2015, par Jean De Dieu

Michel Platini yatwaye umupira w’inzahabu incuro zitatu,akaba arongoye kandi ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya(UEFA) yamenyesheje ko azokwitoza mu matora yo kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Ayo matora azoba inyuma yaho Sepp Blatter atangiye imihoho mu kurongora ishirahamwe FIFA.Igihe yatangaza ko azokwitoza muri ico kibanza, Platini w’imyaka 60 yavuze ko hari igihe kigera mu buzima ugafata ingingo, yemeza ko ari igihe co gucungura FIFA yagirizwa igiturire mu myaka 10 iheze.

Platini yavuze ko agomba guhindura ishusho y’ishirahamwe FIFA,kandi ko mu myaka ishika 50 ari mu gisata c’umupira w’amaguru bimuha ubunararibonye bwo kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.

Imwe mu migambi ya Platini yotorwa kwoba ugushira hamwe amashirahamwe y’umupira w’amaguru, guha ijambo amashirahamwe mato no kwumviriza ivyiyumviro vya bose.

Platini yavuze ko bagomba kwubaka FIFA nziza ku buryo abantu imiliyoni 10 z’abakunzi b’umupira w’amaguru bayiyumvamwo vy’akarorero, kandi ikaba iyubashwe kw’isi yose.

Umuganwa wo mu gihugu ca Jordania, Ali Bin al-Hussein yari yahiganywe na Sepp Blatter ntiyashimishijwe n’ingingo ya Michel Platini,kubwiwe ingingo ya Platini yerekana ko FIFA yoba ari ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kandi ari ishirahamwe rihuza isi yose.


Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.